Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Leonardo Dicaprio yatumye umugabo wa Katie Cleary yiyahura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Leonardo Dicaprio yatumye umugabo wa Katie Cleary yiyahura

Leonardo Dicaprio yatumye umugabo wa Katie Cleary yiyahura

mercredi 25 Ruheshi 2014

Umugwizatunga wo mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika yariyahuye kubera abonye amashusho yerekana uwo bubakanye ariko asomana n’umukinyi w’amareresi Leonardo Di Caprio.

JPEG - 332.2 ko
Andrew akiri kumwe na Katie Cleary mu munezero

Andrew Stern w’imyaka 40 yari yubakanye na Katie Cleary ariko bariko bagerageza kwahukana. Kuri uwo wa gatandatu uheze, umugore wiwe yasohokanye n’umukinyi w’amareresi Leonardo Dicaprio. Ivyo bagize vyabonetse ku mashusho. Andrew Stern abonye amashusho yerekana ivyo umugore wiwe na Dicaprio bariko barakora, ku mpamvu y’ishavu, yaciye ahitana ibasitori (pistolet) arirasa aca arasandaba.

Umuvugizi wa Katie Cleary avuga ko hari haheze amezi umunani bahukanye na Andrew, kandi bivuye kuri Katie Cleary. Uwo muvugizi nyene arabeshuza amakuru avuga ko Katie yari asanzwe arenga ibigo akabikorana na Dicaprio nyene. Umuvugizi avuga ko Katie bwari bubaye ubwa mbere avuganye na Dicaprio.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.