Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yohani Paulo wa 2 na Yohani wa 23 bagiye gushirwa mu murwi w’aberanda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Yohani Paulo wa 2 na Yohani wa 23 bagiye gushirwa mu murwi w’aberanda

Yohani Paulo wa 2 na Yohani wa 23 bagiye gushirwa mu murwi w’aberanda

mardi 1er Gitugutu 2013

Aba papa Yohani Paulo wa 2 hamwe na Yohani wa 23 bazoshirwa mu murwi w’aberanda bemewe na Ekreziya Gatorika. Aho akaba ari kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2014. Ivyo bikaba vyamenyeshejwe na Papa Fransisiko mu nama yagiranye n’aba karininari b’ishengero gatorika.

Mu nama Papa Fransisiko yagiranye naba Karidanire, yaramenyesheje igenekerezo yaho umunya pologne Karol Wojtyla hamwe n’umutariyano Angelo Giuseppe Roncalli bazoshirwa mu murwi w’aberanda bemewe n’ishengero rya Gatorika. Kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2014 niho abo bahoze ari aba papa ku mazina ya Yohani Paulo wa 2 hamwe na Yohani wa 23 bazoshirwa mu murwi w’aberanda.

JPEG - 5.2 ko
Papa Yohani Paulo wa 2

Iryo genekerezo ryari ryitezwe kuva mu kwezi kwa Mukakaro aho haba igitangaro kigira kabiri kijanye na Yohani Paulo wa 2. Nkuko bitegekanijwe kandi bihora biba, uwukwije ibitangaro bibiri arashobora kw’injira mu muryango w’aberanda. ariko n’ubwo bitegekanijwe uko, bivurwako Papa Fransisiko agiye kudakurikiza uko bitunganijwe mu gushira mu murwi w’aberanda Papa Yohani wa 23. Uyo mu Papa Yohani wa 23 yatwaye Ekereziya Gatorika kuva 1958 gushika 1963 amaze kwegukirwa n’igitangaro kimwe gusa kugeza ubu.

JPEG - 7.6 ko
Papa Yohani wa 23

Papa Yohani Paulo wa 2 yatwaye ishengero Gatorika kuva mu 1978 gushika 2005. Yashizwe mu murwi w’abahirwe kw’ igenekerezo 1 Rusama 2011. Papa Yohani wa 23 nawe akaba yashizwe mu murwi w’abahirwe mu kwezi kwa Nyakanga mu mwaka 2000.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.