IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Yoweri Museveni yagenywe kuba umuhuza mu kibazo c’Uburundi

Yoweri Museveni yagenywe kuba umuhuza mu kibazo c’Uburundi

mardi 7 Mukakaro 2015, par Jean De Dieu

Inama y’abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko yagenye umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni kuba umuhuza mu bibazo vya politike biri mu Burundi.

Yoweri Museveni yagenywe n’inama y’abakuru b’ibihugu yabereye i Dar-Es-Salaam mu gihugu ca Tanzaniya kuwa mbere igenekerezo rya 6 Mukakaro 2015.

Kubwa Richard Sezibera umunyamabanga w’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko,Yoweri Museveni yagenywe kubera ikibazo ca politike kiri mu Burundi,kandi akaba umwe mu bakuru b’ibihugu vy’akarere yahagarikiye amasezerano ya Arusha.

Frederic Bamvuginyumvira,icegera c’umukuru w’umugambwe Frodebu amenyesha ko bashima iyo ngingo,akavuga ko bazomwitaba kandi bamwumvirize,hanyuma barabe uko akora.

Mwomenya ko iyo nama yitabwe n’abakuru b’ibihugu vya Tanzaniya n’Ubuganda,abandi bakuru b’ibihugu baserukiwe n’abashikiranganji b’imigenderanire y’ibihugu vyabo n’ayandi makungu.

Messages

  • mwamenyera wawundi wa ONU yamaze kuva ngaha muburundi, Mu7 nawe ntavyo azoshobora muzoba muraba. ntihazabura uruhande rumwanga. wait and see!

  • DUSHAKA ABOTUZANIRA AMAHORO KAND BADAHENGAMA

  • Eweyoweri Museveni Nyaruka Ukureho Nkurumbi Ararembejeyicabantu

  • nazenaw turab sinatez kwazohava ahngamira kubutegts kubera arafitaniy ubucut nankurumbi

  • Tagishashya twitezemo Kuko Bose batubahiriza madat zabo Niba Azanwe nukubwira President Nkurunziza kubahiriza amasezerano ya Arusha cg gushigikira ingingo Union Europen na Leta zububwe za Americans turamushigikiye ataribyo Mbona ntaco abwira Nkurunziza Kuko nawe ansaziye kubu president

  • BANYEPOROTIKE BABARUNDI!UKO MURI MU MIGAMBWE ITANDUKANYE,OPPOSITION HAMWE NUMUGAMBWE URI KUBUTEGETSI NABO BASHIZE HAMWE,NIMWUMVIRE ABAHUZA.REKA TURINDIRE.SI AHUMUNTU,NI UHORAHO GUSA ASHOBORA GUKORA IBIRORANYE

  • Banyeporitike bo muri oposition ntimuhendwe ntaciza kizova kwa museveni ,mbega nkikibazo ca manda ya 3,harico mwomwitegako atari kwemeza ko nkurunziza yokwitoza,kuko nawe kurico kibazo iwe carananiranye,ikindi atari ukubahatira kuja mumatora yumukuru wigihugu azovuga ko inkinamico yaba dd nigikoresho cabo ceni atari amatora ,aheze ahanure ko hoba amatora yizewe na bose,mwibuke ko uwumuserukira yamenyesheje ko inkinamico yabaye le 29 bayishimye .muzoba mumpinyuza

  • Naze ahuz abarundi ariko mfise amakenga ko aruguhuma amaso amakungu ngo bariko bumvikanisha bose nibamwe kukibazo co kurenza ibiringo vyo kwitoza

  • hwo hananiwe abandi uwowewe azobishobora?bahungiriwe hamaabumuhavyakabonetsehe

  • hwo hananiwe abandi uwowewe azobishobora?bahungiriwe hamaabumuhavyakabonetsehe

  • hwo hananiwe abandi uwowewe azobishobora?bahungiriwe hamaabumuhavyakabonetsehe

  • museveni uwomuha 15jr yoba yatse ibirwanisho LRA?nareke kuba yitamba kumuvyimba abarundi!!!arakengerana uyo muhima!!bena kikwete bafyeterana na Peter none aje kudusamaza kugira DD ironke umwanya wokutwica !!nacire birarura!!

  • Ewe Uburundi burahanzwe kabisa!!!!. Mbega uwobaza neza Museveni Kaguta yoba amaze kugira mandats zingahe atwara Ubuganda? Jewe navutse numva avugwa none n’ubu niwe akihari. Vyongeye ni incuti ya Kagame uwo nawe si uwipfuriza Uburundi kwogorora mu mahoro y’abarundi bose... Akari inyuma karahinda!!!!!!

  • dusengimana kukovyose izobikora tubitegamaso

  • Reka turabe ivy’iwe, muga ntaze ashigikira mandat ya 3 ya nkurunziza.ahirahiye akayishigikira, ace asubira ouganda hakiri kare .

  • MBE UWO MUSEVENI NTA MANDAT WEWE ARONDERA?SINZIKO AZOTUNGANYA IVY’UBURUNDI N’AMANANIZA TURINDIRE

  • Mbega MANA,abarundi babaye nk’abana bahiye mukwaha?hananiwe abahuza barungitswe na UN,Museveni nk’ikibazo ca mandat ya 3 yokivugako iki amaz imyaka nk’iy’ibikona k’ubutegetsi?kugira intwara ya cndd fdd ibwirw yumv,umuhuza akwiy kuba umuntu w’indyamunyu, adatamikwa ijambo nka Abdoulaye Bathily,mchezo wa ndani umeshashindwa,lazimamchezo wa nje utaware burundi,heri wanaoambiwa wakatii.

  • Mbega MANA,abarundi babaye nk’abana bahiye mukwaha?hananiwe abahuza barungitswe na UN,Museveni nk’ikibazo ca mandat ya 3 yokivugako iki amaz imyaka nk’iy’ibikona k’ubutegetsi?kugira intwara ya cndd fdd ibwirw yumv,umuhuza akwiy kuba umuntu w’indyamunyu, adatamikwa ijambo nka Abdoulaye Bathily,mchezo wa ndani umeshashindwa,lazimamchezo wa nje utaware burundi,heri wanaoambiwa wakatii.

  • Ego nyakubahw turakubaha knd turakwizighy yuko uzokumvikanisha abarundi nakar ababaserukir muburundi baremej yuko amatora yagenz nez kand natw aho duhererey twarabibony yuko amatora yagenze neza

  • ok museveni abaye umuhuza ni sawa ariko amatora agomba abbe abe.kandikuyasubiramwo abo bari muri opposition.

  • BARINDI NIMURABE AKAMARO NTIMURABE INYUNGU IMANA IBAFASHE

  • Reka tubirorere,ariko jewe mbona ko ari uguta umwanya kuko Leta y’Uburundi isigaye yigira sindabibazwa,ntaco bayirongoye bacubaha.Mbe ko amatora yabaye,azoza kwumvikanisha ibiki?CNDD-FDD yarabonye ko iyo amatora ategurwa neza Rwasa yari gutsinda,nibaza ko batazokwemera gutegura neza ayasigaye kuko n’ubu imitima yabo ntirasubira hamwe baravye amajwi Rwasa yaronse kandi atitoje.

  • Ariko jewe uwo museveni sindamwemera nk’umushingantahe. Ntaco azomarira opposition umuntu BAGAZA yamuhungiyeko agaca amutwara umugore nta bushingantahe bwiwe kandi nawene ntashaka aba bahiganwa mu matora umuntu amaze kubutegetsi imyaka amajana. Ntavyiwe ubushingantahe ntabwo afise.

  • Museven Nawe Nyene Iwe Birakaze. None Yofasha Abarundi Iki?Kwegeza Amatora Inyuma Siwo Muti.Umuti Wotorwa N’abarundi,akavura Abarundi Bavuhawe N’abarundi.Ingorane Abarundi Bamwebamwe Ntibemera Kunywa Umuti.

  • Museveni ntaco azotuviramwo ari mubantu bipfuza gutwara bagakurwaho nurupfu.

  • REKA TURINDIRE IVYO NTIBIZOGENDA BIDAHITANYE IKINTU!!! ABO BA DD NABO NYENE NIBABE MASO!!!

  • REKA TURINDIRE IVYO NTIBIZOGENDA BIDAHITANYE IKINTU!!! ABO BA DD NABO NYENE NIBABE MASO!!!

  • Mbe BIZINDAVYI WE, nukuri jewe ndatangazwa n’abarundi bene wacu mbe aho uwuje wese avuze uko abibona atavuze ivyo mwoba mwifuza nikubera iki muca muvuga ngo sinzi ico agamije ahubwo nimwe muba mugomba inyungu zanyu ko zija imbere ehe rero ndabahanure nkumuvandimwe ashaka ko igihugu cacu gitekana kikaba amahoro abana bacu bagasubira kuba amahoro abavyeyi ntibame bahekurwa ehe izo mpande zose uwo muhuza nazibwire zigire ico zihevye nico zemerewe nayo ahandi kudadika ngo aho sindahava nukuri bitwereka ko urukundo rwo gukunda igihugu ari ruke kuko iyoba mwagikunda mwokwibutse ababantu boose bariko bapfa ari abarundi bene wanyu ibuka rero muce bugufi musenge imana kugira ibashoboze kwihangananira mumenye ko ataho muzoshirana imana idufashe twese abarundi nabarundikazi.

  • NAZE ABUMVIKANISHE MUGABO MBONA BAMWE ARIBIKASHI BITINY’AMATORA

  • Imana yaduhaye ubwenge kugira dutahure kandi nukugira tugerageze kwiyumvira rero jewe kuciyumviro canje nuko ndabibona aha bashaka batudindirize mubiganiro hama amatora abe,bemeze umukuru w’igihugu hama niyamara gutsinda azoce abandanya ibiganiro mugabo ariwe atwara,ivyo ntibishoboka amatora y’umukuru w’igihugu yoba aruko ibiganiro biheze none mwumva Musveni wewe karumwe na peter none aje gukora iki? Namare ivyo mub’ubuganda nagume iyo nakare nawe mubariye amahera kikwete yarayamuhayeko opposition ivyo biganiro bitaza bihagarika peter muravyitaba?

  • Mwibuke ivyo yakoze NTARYAMIRA na HAVYARIMANA muragabe kuko ntakuntu iwe mu UGANDA biriko biracika ngo bamuhe ivyuburundi atarishura n,incuti zacu zishwe nawe na kagame(NTARYAMIRA HAVYARIMANA).Benewacu muragabe.

  • amatora yaraheze uwuzoyadusubizamwo azodusororera kabisa kuko twebwe ntidukeneye kujuragirika.amatora yaraheze banse kuyajamwo ngo bakubitwe uimfupfu barakomerewe.

  • Museveni sinzi ico azoshikiriza Abarundi;ariko numutama kandi nijambo ntiyoribura.Nagomba mpanure abamukengera mvuga nti nibareke Eeeee iyo ngendo igayitse.Kuko kuba atwaye ubuganda imyaka myinshi namahigwe kubaganda kandi murabona abarundi bama barahindagura ubutegetsi ntaco babarushije naho twoja muri demokarasi.Umuzungu arabahenda barundi.Gusa nokwibutsa babandi basanzwe bavuga ko bazi ko Ubutware butangwa n’Imana gusoma Abaroma 13:1-7. Havuga ngo umuntuwese nagamburukire abamuganza kuko atakuganza kutava kumana Ukuriho kwagezwe n’Imana.Nico gituma ugabagabiye uganza aba agabagabiye icagezwe n’Imana:kandi abakigababiye bazoba bihamagariye gutsindwa nurubanza kuko abaganza atari abateye ubwoba kuwukora iciza kiretse uwukora ikibi ukaba ugomba kutagirira ubwoba uwuganza. Kora neza kuko uwuganza ni Umukozi w’Imana kubwa ww umunyagihugu.Ariko niwakora inabi ugire ubwoba kuko ntiyambarira inkoho ubusa....Nsimvuze ko ari nabi kuja mumigambwe ariko mwiyoroshe muvuga muti uko bizogenda kwose tuzoshimira Umwami Imana.Guturira amapine no kuja mwibarabara mubirekere babandi kuko nibo bazi inyungu y’isi.Ubonye ivyo ntuvyumvise gumuka bazokurasa hanyuma urengutse Imbere y’Uhoraho uzosanga uri umutsindwa Tito3:1-3 aho ndazi igiphu nticumva iyi mvugo.Nkurunziza mumtore canke mutore nuwariwe wese ariko mwibukeko Imana itamushaka ntagihugu yotwara mwibuke ko igihugu ari abantu;abantu nabo nab’I mana ;Iyo niyo ikuranya Ingoma zabami yimika uwo igomvye ikabogoza uwo igomvye Ivyo utavyemeye nuburenganzira bwawe heza rero ukore ivyawe navyo tuzorabe ico bishikako.

  • Uwomuhuzangira Ubbuho Azemerwa Nimpande Zose Nsaba Abanyeporitike Kutadadaza Kuruhande Uru Canke Ruriya

  • Uwomuhuza Ngira Azokwemerwa Nabose Dusaba Abanyeporitike Kutadadaza Kuruhande Uru Canke Ruriya.

  • EGOME TWESE TURAKENGURUTSE KANDI TUZOMWUMVIRIZA KUKO ARI MUBAHAGARIYE ISHIRWA MUNGIRO RYAMASEZERANO YA ARUSHA NONEHO NTANICOTUMA TWIGORAYEMWE KUKO BIRATOMOYE IMPAPURO ZAMASEZERANO NTAHO ZAGIYE NA ONU ,AMERIKA,FRANCE, BELGIQUE,NAKARERE KOSE NIHO BARI PETER HEZA UHITEMWO NEZA UREKURE UTARASHWE ON VIENT DE TE DONNES CE QU’ON APPELLE LA DERNIERE CHANCE UKABONA URAYIHUSHIJE UZOBUGOWE! NIWEMERE UREKURE IYO 3ÈME MANDAT NAKARE TU NE LE MERITES PAS C’EST JUGÉ INCONSTITUTIONNEL.

  • ni agerageze arabe ko hari ico yofasha Uburundi kumbure ko ariho yari igihe haterwa igikumu ku masezarano ya Arusha azogira ico abuga kandi azi neza.

  • nkurunziza ntagoyikunda ndababwira ukuri museveni niyemera nkurunziza akitoza azoba yakije umuriro mugihugu cuburundi muzobibona

  • NDASAVYE NDAHANUYE RETA NTIGWE MUMUTEGO WOKWIGIZA INYUMA AMATORA YA le15/7. KUKO HARI IBINDI VYINSHI VYINYEGEJE INYUMA. AMATORA NABE KAMA MBAYA MBAYA!!! ABANYAGIHUGU BARUSHE KABISA ICI GIHUGU NI ICA ABARUNDI SICA AMAKUNGU!!

  • rekaturindiretwihanganye.imana.ikore,kuko,abantudukunda,amaronko,umwe,akwegayikwegerako

  • ariko muratangaza!burya ntacavuzw kitazoshika erega urya munyarwanda ntabwo yihenz,ahubwo abasenzi bandanya musengera uburundi aho kuja mumosha mabi

  • TURASHIMA CANE IYONAMA NIVYOBAKOZE TUBIRAMYE NYAGASANI

  • Ntabya Museveni ndabona agiye kubakorera nkibyo yakoze mu Rwanda aho yapanze umugambi woguhanura indege ya Habyarimana biturutse mumanama atagira umumaro nkariya barigutumiramo Nkurunziza.

  • abo ba dd barananirany bns aba ONU uwomubanyi waho hiyo niw bazokwmera?sha jew ndafis amaknga.kk dd ntiyoroshe.

  • Twihweje ibiringo yowe museveni yatwaye uganda dudanga ari ibiringo bitanu bisigura imyaka mirongo ibiri guteranya imyaka cumi yatwaye kunguvu none reka tubirabe ivyo azohuza

  • Turasavye,ko,abashigantahe,bakurikirana,ivyamatora,boreka,twebwe,abanyagihugu,tugatora,ntamugabo,ashigaitegeko,murugo,rwuwundimugabo,aba,amugaye,

  • ndashimye cane iciyumviro ca cyrille.ubukuru bwose buva kumana.none twirigwa dushavuririki?niba Imana ibonako peter yongera kudutwara koko,nibibe nkuko Imana ibishaka.nayo museveni kuvuga ngo hariciza twomwitegako,wapi nawe n,umunyamwina nka peter.none har,uwimena igihute?sinzi Imana imukoreyemwo.wait and see.

  • Wowe Eric na bonfils ntawe mwigisha amateka hano,murebe ibyuburundi bwanyu,kujya kuvuga buri nteruro mukazana amateka y’uRwanda ntawe muyigisha aha,nta na temps dufitiye izo kinamico zanyu,rero mwiduforca kuvuga,kuko ntago turi kuri niveau imwe,umwana yica akanyoni bangana,mumenye ibyuburundi abanyarwanda nabo amateka yabo arazwi,Respect!!!

  • museveni ntaco ahanura.we ntiyanse kurekura mu buganda?reka atware gusa akure obr.

  • ko bataduhaye kagame turagowe yemwe!!

  • Amatora yigizwe inyuma imisi itarenga 5 batega dutegura gutora naho ntimwiruhishirize ubusa inkona yaramenyekanye abatayikunda mwihangane kandi mureke guta umwanya, mwakoze coup d’etat biranka muragumuka amahera arabaherana mumatora ntabanywanyi mufise mugomba iki? reka mbafashe kurira hiiii hiii bweee bweee ooooh yoooh

  • Naze turabe ivyiw ark akananiye umugabo kananira,nuyundi rek turindire

  • ntaco tukwitezek kuk naw iy ngwara urayifis rab rr mukuz gutunganiriz abarundi umanz utungany iwaw

  • @kessia. Ngo muragowe ntibabahaye kagame!!! Kugira ngo murangize ihonyabwoko mutahejeje muri 72 !??? Abarundi barabamenye.

  • Jewe ndashigikiye critiques mwakoze kuri museveni,nagirae ndabongerereko ko ari umututsi w’umuhima yahenze havyarimana,nubu yirigwa atera congo be na kagame,twebwe abarundi ntiduhendwe,ntaco ashobora kutumarira.

  • NIBAZAKO MUSEVENI AZOKEMURA IBIBAZO BIRI MU BURTUNDI KANDIKO AZOKORA ATAHO YEGAMIYE TURAMWIZEYE.

  • @ fidelite,ako ayo moko murata mwagize iturufu nayo mazuru mwirirwa mureba yabantu niyo azageza uburundi kuri development??! Muracyafite byinshi byo kwiga,mbabazwa nuko uwo Kagame muhoza mukanwa mutanamuzi mumubwirwa nizo ngegera mucumbikiye,uzaze umubaze abanyarwanda!! Yahaye agaciro tukaba turabavandimwe twaravuye mumazuru!!!!gusa mukundira ko injiji ataziha umwanya kubahuza mubijiji murimo ntiyabishobora,cyokora yabigisha kwiteza imbere no kwiha agaciro!! Muzamuhamagare mwavuye murubwo bugoryi bwamazuru azaza ndi sure kdi azabafasha nge ndamuzi suwo nabwiwe,Amahoro barundi

  • @felin
    Iratire hiyo,turamuzi muri campus i burundi agirisha inama abatutsi ngo bice abahutu,muri putsh ya ndadaye twaramwumvise,murareka kutwigisha tuzimenya,nzobishima ko mwikwije inyenzi ziri mu gihugu cacu be n"aabanyamurenge mutekeye mukatuviraho,ivyo mwivugisha ngo dutunze injiji nukugira mutwibagize aba sans echecs n’aba sans defaites b’abanyarwanda batwiciye abantu bagataha mu rwanda batwivye kandi turabibuka.Museveni nawe ni umwungu wa rwa ruyuzi ingene abagande batwawe n’umuhima museveni turabizi,havyarimana ni we yamumenye atevye kandi bari abagenzi pfa mpfe,twebwe rero abarundi uretse ibijuju,ntitwibagira aho mako yatugejeje;aho abahutu twishwe nk’ibihere alors que abatutsi s’engraissaient comme des porcs sur nos épaules.

  • KUBA MUSEVENI YOHANURA UMUKURU WIGIHUGU VYOBAVYENE

  • Ntagishasha azozana kuk akananiy umugab kananira n’uwund

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.