Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yoweri Museveni yemeye ko hari abasirikare b’Ubuganda bagizwe imbohe na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Yoweri Museveni yemeye ko hari abasirikare b’Ubuganda bagizwe imbohe na (...)

Yoweri Museveni yemeye ko hari abasirikare b’Ubuganda bagizwe imbohe na Al-Shabbab

lundi 14 Nyakanga 2015

Umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni yemeje ko abasirikare 6 banyurujwe n’umurwi Al-Shabbab mu gihugu ca Somaliya,aho bari mu gikorwa co kugarukana amahoro mu rwego rwa Amisom.

Umuhari Al-Shabbab wari wamenyesheje ko wishe abasirikare bava mu gihugu c’Ubuganda bashika 50,hamwe n’abandi bagize imbohe inyuma y’igitero cabereye mu gisagara ca Janaale mu bumanuko bwa Mogadiscio,ariko igisirikare c’Ubuganda cari cahakanye ayo makuru aho camenyesha ko ari ikinyoma.

Umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni yagiriza abasirikare bo ku rwego rwo hejuru ko batabaye magabo kugira uwo murwi w’abaislam ntiwinjire mu kirindiro cari gicunzwe n’abasirikare bava mu gihugu c’Ubuganda.

Mu rugendo arimwo mu gihugu c’Ubuyapani,Yoweri Museveni yavuze ko hari abasirikare bagizwe imbohe n’umuhari al-shabbab, ariko ko igitigiri cabo kitaramenyekana.

Umuvugizi w’u uhari al-Qaida,abicishije kw’iradiyo ikorana nuwo murwi,yavuze ko abagizwe imbohe bameze neza,kandi mu minsi ya vuba bagiye kumenyesha amazina yabo n’amapete yabo.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.