Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe: Abakozi amajana atatu b’iradiyo n’imboneshakure bagiye kwirukanwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe: Abakozi amajana atatu b’iradiyo n’imboneshakure bagiye kwirukanwa (...)

Zimbabwe: Abakozi amajana atatu b’iradiyo n’imboneshakure bagiye kwirukanwa ku kazi

samedi 15 Myandagaro 2015

Iradiyo n’imboneshakure vy’igihugu ca Zimbabwe bimenyesha ko abakozi bashika amajana atatu bagiye kwirukanwa mu kazi.Ivyo vyashikirijwe kuwa gatanu igenekerezo rya 14 Myandagaro 2015.

Iradiyo n’imboneshakure vy’igihugu vyafashe iyo ngingo inyuma yaho bibonekeyeke ko bashobora kunanirwa guhemba abakozi.Reta ivuga ko abakozi ba Reta bahembwa amafaranga menshi kandi ubutunzi bw’igihugu butifashe neza.

Ubukene bw’igihugu ca Zimbabwe ntibwafashe Reta gusa,kuko n’ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Econet rikorera mu gihugu ca Zimbabwe ryaramaze kumenyesha ko rigiye kwirukana abakozi baryo.

Ibintu vyunyutse mu gihugu ca Zimbabwe,inyuma y’itorwa ry’umukuru w’igihugu Robert Mugabe mu mwaka w’2013 kandi hari abavyiyamiriza,amakungu aca ahagarika infashanyo.


Van Naris Mugisha

Messages

  • nokumesha ko nkurunziza atazotwicisha inzara Kubera inda yiwe tuzomwiyahurirako guko ntakundi guko ibintu bigumwe ukwobiri nta mezi umunani asigaje guhemba abakozi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.