Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe: Igipolisi canse ko abanyamasendika bagira imyiyerekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe: Igipolisi canse ko abanyamasendika bagira imyiyerekano

Zimbabwe: Igipolisi canse ko abanyamasendika bagira imyiyerekano

lundi 10 Myandagaro 2015

Igipolisi c’igihugu ca Zimbabwe cabujije abanywanyi ba sendika nkuru muri ico gihugu kugira imyiyerekano,inyuma yaho hari abakuwe mu buzi ku buryo budasiguritse.

Japhet Moyo,umunyamabanga mukuru w’ihuriro ry’amasendika mu gihugu ca Zimbabwe ZCTU,yavuze ko igipolisi cabasanze aho bariko bategurira iyo myiyerekano,baca bababuza kubandanya bongera bahagarika bamwe mu barongozi.

Japhet Moyo yavuze ko igipolisi caciye kibashwiragiza kure yahari hategekanijwe kubera imyiyerekano,mu ntumbero yo kwerekana akababaro bafise kubera gutakaza akazi.

Umunyamabanga mukuru w’ihuriro ry’amasendika akamenyesha ko bazobandanya imyiyerekano,akavuga ko yatangajwe no kubona igipolisi gikora ivyo mu gihe bari babimenyesheje abarongozi.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.