Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe : Ingorane n’ubu ni nyinshi ku bijanye n’itegurwa ry’amatora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Ingorane n’ubu ni nyinshi ku bijanye n’itegurwa ry’amatora

Zimbabwe : Ingorane n’ubu ni nyinshi ku bijanye n’itegurwa ry’amatora

mardi 25 Ruheshi 2013

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Zimbabwe Morgan Tsvangirai, asaba ko sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yobanza igatanga icegeranyo c’uko amatora yagenze yose kuko ku bwiwe ubusuma bwaragaragaye mu matora, ndetse asaba ko ubutungane bwokwanka ingingo ya Mugabe yo gushira amatora kw’’igenekerezo rya 14 Myandagaro kandi ayo matora yobaye ku wa 31 Mukakaro.

Umukuru w’igihugu Robert Mugabe yaramaze gusaba abacamanza bagize sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro kwubahiriza ivyo yasavye, ko imvo zituma asaba ko amatora yokwungururizwa kuri iryo genekerezo rya 14 Myandagaro zumvikana kandi akaba ivyo yarabimenyesheje n’ishirahamwe ry’iterambere ry’ibihugu vyo muri Afrika y’Epfo. Ariko rero ku bwa Morgan Tsvangirai naho aterekana ryari we amatora yoberako, avuga ko igihe gisabwa na Mugabe kitagira ifatiro. Mu gihugu ca Zimbabwe rero, bivurwa ko kuva mu mwaka w’2000, hagumye hari ingorane zitandukanye ku bibazo vy’amatora, icuka cagumye atari ciza hagati y’abanyepolitike na cane cane hatanguye ibiringo vy’ugutegura amatora.

Icegera c’umukuru w’igihugu amaze imyaka ine asaba ko abamenyeshamakuru boronka umwidegemvyo ukwiriye mu gushikiriza inkuru co kimwe n’abajejwe umutekano, kenshi usanga bakarira rwose abatavuga rumwe na Leta. Abakurikirana ibintu n’ibindi bavuga ko amatora ariko arategurwa mu gihugu ca Zimbabwe, yotegurwa neza ku buryo yokuraho ingorane ziri hagati y’umukuru w’igihugu n’icegera ciwe, ndetse izo ngorane zikaba zatumye kuva mu mwaka w’2008 ishirahamwe SADC ryumvikanisha abo bagabo bompi ko bosangira ubutegetsi.

N’ubu umukuru w’ico gihugu ari mu bantu bambere batwaye igihugu imyaka myinshi, uburyohe bwokurongora Zimbabwe buracari bwose kuko ku myaka yiwe 89, ndetse akaba ariwe yatwaye ico gihugu kuva cikukira, ubu rero amaze ku butegetsi imyaka 32.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.