Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe : inyuma yo gutera nyina inda, baripfuza kubana vyemewe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Zimbabwe : inyuma yo gutera nyina inda, baripfuza kubana vyemewe (...)

Zimbabwe : inyuma yo gutera nyina inda, baripfuza kubana vyemewe n’amategeko

samedi 31 Myandagaro 2013

Inyuma yo gupfakara, agasigarana umwana w’umuhungu ari na we mfura yiwe, umugore azwi kw’izina rya Betty Mbereko yakundanye n’umuhungu wiwe yitwa Farai Mbereko. Mu rukundo bari bafitaniye, uwo muhungu yarateye nyina inda. Icipfuzo cabo rero ubu, n’uko bagira ubugeni, bakabana vyemewe n’amategeko. Ubuyobozi muri ico gihugu bwateye ivyatsi ico cipfuzo, bamenyesha ko ayo ari amahano.

Africanewspost dukesha iyi nkuru ivuga ko Betty Mbereko w’imyaka 40 y’amavuko ashaka gusezerana n’umuhungu wiwe Farai Mbereko w’imyaka 23 y’amavuko, bompi bakomoka mu gace Mwenezi, ahitwa Masvingo mu gihugu ca Zimbabwe.

Uwo mugore amaze imyaka 12 ari umupfakazi, amaze imyaka itatu ari mu rukundo n’imfura yiwe, bompi bakaba bipfuza kubana nk’umugore n’umugabo, na cane cane ko ubu umugore yibungenze inda y’amezi atandatu, izovukamwo umwana twovuga ko azoba ari umwuzukuru wiwe kuko azoba yavyawe n’umuhungu wiwe.

Muri iyo myaka 12 iheze apfakaye, Betty yagumye abenga barumuna b’umugabo wiwe bamurondera, yikundira umuhungu wiwe. N’uwo muhungu akaba yemeza ko akunda nyina, ku buryo yipfuza ko bobana nk’umugore n’umugabo.

Mu ndwi iheze, igihe yari imbere ya sentare y’i Mwenezi ahitwa Masvingo, uwo mugore yavuze ko ataco atakoze kugira umuhungu wiwe yige neza.

Betty ati “Nakoze ibishoboka vyose kugira umuhungu wanje yige neza inyuma y’urupfu rwa se, none amaze kuba umugabo. Nta wundi mugore afise uburenganzira ku mafaranga yiwe, uretse jewe.”

Umuhungu nawe yemera ko nyina ataco atakoze kubera we, kandi ko se yapfuye adahejeje gukwa nyina.

Ferai ati : "Data yapfuye ataraheza kuriha inkwano, niteguye gusozera umwenda wa data. Ni vyiza ko n’abantu bamenya ko n’inda mama yibungenze ari jewe nayimuteye.”

Umuyobozi wa Mwenezi yabiteye ivyatsi

Umuyobozi wa Mwenezi yagize ati “Aya ni amahano, ivyo ntitwovyemera mu gace ndongoye! Kera abantu nk’aba baricwa, ariko ubu ntibishoboka kuko dutinya igipolisi.”

Betty Mbereko n’umuhungu wiwe ari nawe mugabo wiwe, bakaba basabwe kureka uwo mugambi bafise wo kubana nk’umugore n’umugabo, canke naho, barondere ahandi baja kuba, bave muri ako gace vuba bwa mango.

Kubera iyo ngingo bafatiwe yo kubankira ko babana vyemewe n’amategeko, bahisemwo kuva muri ako gace, aho berekeje hakaba hataramenyekana kugeza ubu.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.