Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe : Ku minsi itandatu isigaye, ukwiyamamaza kurabandanya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Ku minsi itandatu isigaye, ukwiyamamaza kurabandanya

Zimbabwe : Ku minsi itandatu isigaye, ukwiyamamaza kurabandanya

jeudi 25 Mukakaro 2013

Mu gihugu ca zimbabwe, hasigaye iminsi itandatu gusa kugira habe amatora y’abashingamateka, ay’abakenguzamateka hamwe n’ay’umukuru w’igihugu. Robert Mugabe, ku myaka 33 ku butegetsi, nawe ari mubariko bahiganirwa ico kibanza. Ku ruhande rw’abo bahiganwa, Morgan Tsvangirai, umushikiranganji wa mbere muri Leta ya Mugabe, nawe ari mubahiganwa, ku ncuro ya gatatu. Aho bigeze ubu, imyiyamamazo irakomeye muri ico gihugu.

Imyaka ntinyegezwa ! Abakurikiranira hafi imyiyamamazo bamenyesha ko Robert Mugabe abangamiwe n’ubusaza n’aho agerageza kwinanata. Ku myaka 89 y’amavuka na 33 ku butegetsi, Mugabe ubu ntibikimworohera kumara umwanya munini ahagaze mu myiyerekano, uretse no gutambuka mu bantu benshi bimugora. Mu majambo avuga imbere y’abakunzi biwe, aratyoza abo bahiganwa, abahuza ibitsina babisangiye n’abo abagereranya n’inyamaswa zo mw’ishamba. Ageze kuri Morgan Tsvangirai, ari nawe mukeba w’inguvu afise, amugereranya n’igikere gihindura umugore ku munsi ku munsi.

Imyiyamamazo yo muri uyu mwaka yagaragayemwo ibitanezereje abatari bake kuko Robert Mugabe, mu majambo yiwe yagumye agaruka ku buzima-banga ( la vie privée) bwa Morgan Tsvangirai, umukuru w’umugambwe MDC (Mouvement pour le Changement Démocratique). Ku mboneshakure y’igihugu, baguma barekana ibiganiro, aho baha ijambo abagore (canke abakobwa) bahoze bagendana na Morgan Tsvangirai, bakamwidogera, kenshi na kenshi mbere bakamutyoza.

JPEG - 26.3 ko
Robert Mugabe n’umutambukanyi wiwe mu myiyamamazo

Muri iyi minsi itandatu isigaye kugira abanyagihugu bo muri Zimbabwe bagaragaze aho bahagaze, Morgan Tsvangirai n’ubu nta cizere afitiye umurwi uriko utegura amatora. Si we gusa, n’amakungu yaramenyesheje ko atari ikintu coroshe gutegura amatora yo ku mugaragaro mu gihugu ca Zimbabwe, ivyo bikaba vyunyuwe n’abashingwamanza hamwe n’abaharanira agateka ka zina muntu baheruka guhagarikwa n’ubutegetsi bwa Zimbabwe.

JPEG - 35.7 ko
Morgan Tsvangirai, umushikiranganji wa mbere, asanzwe ahiganwa na Robert Mugabe
JPEG - 83.6 ko
Abakunzi ba Robert Mugabe mu myiyamamazo

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.