Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe : Morgan Tsvangirai ntarota yemera ibizova mu matora (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Morgan Tsvangirai ntarota yemera ibizova mu matora (...)

Zimbabwe : Morgan Tsvangirai ntarota yemera ibizova mu matora avuga

samedi 3 Myandagaro 2013

Mu gihugu ca Zimbabwe, nta yindi nkuru iriko iravugwa atari intsinzi y’umugambwe ZANU PF mu matora y’umukuru w’igihugu. N’aho ivyavuye mu matora bitarashirwa ahabona icese, uwo mugambwe wa Robert Mugabe witeze intsinzi mu gihe ku ruhande rw’uwo batavuga rumwe, umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu Morgan Tsvangirai bamenyesha ko amatora yibwe.

Mu mugambwe ZANU PF, biciye ku muvugizi wawo Rugare Gumbo Patrick Chimanassa, bamirira kure ivyo bivugwa ko amatora yoba yaribwe, bagasaba ababivuga kwerekana ivyemeza. Ku bivugwa ko hoba hariho abanyagihugu bagera ku muliyoni boba barabujijwe gutora, umushikiranganji w’ubutungane muri Zimbabwe, nawe nyene asanzwe ari somambike wa Robert Mugabe amenyesha ko ababivuga bokwitura inzego zibijejwe zikabatunganiriza.

Mu gihe intsinzi ya ZANU PF iguma ivugwa hose, abatari bake baribaza uko Morgan Tsangirai n’umugambwe wiwe MDC (Movement for Democratic Change) bazovyifatamwo. Ku munsi w’ejo, abagize inama nyobozi y’umugambwe MDC (Movement for Democratic Change) barakoranye i Harare, bumvikana ko batarota bemera ibizova mu matora bavuga ko yibwe. Morgan Tsvangirai n’umugambwe wiwe bamenyesha kandi ko batizeye n’abari bahawe igikorwa co guhagarikira amatora.

Twobibutsa ko mu matora aheruka, mu mwaka w’2008, Morgan Tsvangirai yari kw’isonga ku rutonde rw’abahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu ku ncuro ya mbere, ariko aca ahitamwo gusokora hasigaye iminsi itanu gusa ngo batore ku ncuro ya kabiri. Yafashe iyo ngingo ku mvo z’amakenga yari afise ko abanywanyi biwe bohava bakorerwa amabi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.