Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe : Morgan Tsvangirai ntiyizeye umurwi uriko utegura (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Morgan Tsvangirai ntiyizeye umurwi uriko utegura (...)

Zimbabwe : Morgan Tsvangirai ntiyizeye umurwi uriko utegura amatora

mardi 23 Mukakaro 2013

Umushikiranganji wa mbere, akaba n’uwuri ku rutonde rw’abahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu ca Zimbabwe mu matora ategekanijwe ku genekerezo rya 31 Mukakaro, Morgan Tsvangirai yasubiriye kwerekana amakenga afise ko umurwi uriko utegura amatora woba utigenga.

Mu nama yagirishije mu buseruko bwa Zimbabwe, Morgan Tsvangirai yagirije Robert Mugabe bahiganwa kandi asanzwe ari nawe aramutswa ico gihugu, haraheze imyaka 33, ko yoba ariko yitegurira kwiba amatora. Yibukije akarorero k’amatora aheruka yo mu mwaka w’2008 yaranzwe n’iterabwoba rirengeje ryakorewe abayoboka Tsvangirai.
Na SADC ijejwe ubuhuza muri Zimbabwe iremera ko gutunganya amatora yigenga mu gihugu ca Zimbabwe bikoroshe.

Ari mu Rusape, ku birometero amajana abiri mu bumanuko bwa Harare igisagara ca Zimbabwe, Morgan Tsvangirai wo mu mugambwe MDC (Movement for Democratic Change) yamenyesheje ko amaze kumenya umugambi uriko urategurwa wo kwiba amatora. Morgan Tsvangirai akaba yemeza ko hazokoreshwa bamwe mu nzego za gisirikare. Yamenyesheje kandi ko amaze kumenya umugambi w’umurwi utegura amatora wo guhindura intonde z’abatora, babifashijwemwo n’amashirahamwe yo mu gihugu ca Israel. Umugambwe MDC (Movement for Democratic and Change) waciye usaba umurwi utegura amatora n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ko batohirahira ngo basubire guha isoko ishirahamwe Nikuv mu matora yimirije kuwa 31 Mukakaro.

N’aho biri uko, Ron Asher, umukuru w’ishirahamwe Nikuv yamirira kure ivyo ishirahamwe arongoye ryagirizwa. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru bo mu gihugu ca Afrika y’epfo, Ron asher yagize ati : « Twebwe nta politike dukora. »

Ku ruhande rwa Leta ya Zimbabwe, Robert Mugabe umukuru w’igihugu amenyesha ko atihanganira ivyo yagirizwa na Morgan Tsvangirai hamwe na SADC. Ku bwiwe n’uko botenyenya, bagaha icizere umurwi uriko urategura amatora.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.