Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe: Mugabe yarahiye ararengwa ko atitaba inama batajanye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe: Mugabe yarahiye ararengwa ko atitaba inama batajanye (...)

Zimbabwe: Mugabe yarahiye ararengwa ko atitaba inama batajanye n’umutambukanyi wiwe

jeudi 27 Ntwarante 2014

Umukuru w’igihugu ca Zimbabwe, Robert Mugabe yarahiye ararengwa ko atazitaba inama igiye guhuza ibihugu vya Afrika na Buraya izobera i Buruseri mu gihugu c’Ububirigi itegekanijwe kuba mu ndwi iza, atajanye n’umutambukanyi wiwe Grace Mugabe.

Mu gihe hari hategekanijwe mu gihugu c’Ububirigi mu ndwi itangura ukwezi kwa Ndamukiza, inama ihuza ibihugu bigize ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika n’ibigize ishirahamwe ry’ubumwe bw Buraya, Robert Mugabe yarahiye ararengwa ko atazohonyoza ikirenge muri iyo nama, umugore wiwe ataronse uruhusha (visa) rw’uko bajana nawe.

Iyo nama ya kane ihuza umugabane wa Afrika na Buraya ikaba itegekanijwe kuba ku magenekerezo ya 2 na 3 z’ukwezi kwa Ndamukiza 2014, bakazoganira ku bijanye n’ukungene boteza imbere amahoro n’ubutunzi.
Naho yari yarankiwe, kuva mu mwaka w’2002 gusubira guhonyoza ikirenge mu bihugu vya buraya, Robert Mugabe yatumiwe kuja mu gihugu c’Ububirigi mu kwezi kwa Ndamukiza kw’uwu mwaka kubera ko ari mu bakuru b’ibihugu vya Afrika bagize ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.

Umugore wa Mugabe akaba atemerewe kuronka uruhusha rw’uko bojana n’umunega wiwe kubera ko ataco afise azoba agiye gukora muri iyo nama rukokoma. Ariko, ivyo bikaba bitanezereje Robert Mugabe, akavuga ko n’iyo nama yatumiwemo ashobora kutazoyijamwo mpaka bahaye uruhusha umutambukanyi wiwe.

Mu kuvuga ko atazogera mu nama rukokoma izobera i Buruseri atajanye n’umutambukanyi wiwe, abakurikiranira ibintu hafi, bavuga ko Robert Mugabe yoba yikitse inyuma y’uruhara rukomeye afise mu vya poritike yo muri Afrika kandi ko ari n’icegera c’umukuru w’akarere ka Afrika y’ubuseruko mu bijanye n’iterambere.

Mwomenya ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryari rimaze gutera ubwoba ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ko ritazoja mu nama rukokoma mu gihe umukuru w’igihugu ca Zimbabwe, Robert Mugabe adatumiwe.

Bikavugwa ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryaratakaje ubwizigirwa kuva aho ritanguriye kwemera, ivyo abategetsi ba Afrika batwazwa umukazo bama basaba. Ati : "Ntibizoba bitangaje Grace Mugabe niyaronswa uruhusha (visa) rwo kujana n’umugabo wiwe Robert Mugabe, kuko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryama rishira mu ngiro ivyipfuzo vy’abakuru b’ibihugu vya Afrika batwaza umukazo”.


Mariella Bukuru

Messages

  • Jewe ndenda mbaze abasomyi.mubona mugabe ari mumakosa ubwo wewe bokubuza kujana numutambukanyi wawe ubwose wumva vyoba ari vyiza?bashaka ko mugabe aryame wenyene kandi ashaje mugabe ntujeyo wigumire wawe bashaka ko wahukana umusaza agirwa numusazakaziwe.

  • Abanyaburayi ntibashoboka bashaka ko asiga ibuguma yiwe, Hanyuma bamuhererezeko akayabaga kabe karamucuna amabanga, Ayahe ataco atahanye doreko atan’uwobizera haraho bomuha ku gasabiko(Agafu canke utuzi) agataha atashe bamushatse kera. Ihagarareko Musaza ntagusiga itunga inyuma "IFUNDI BAYIBAJIJE BATI; MBEGA KO UFISE UMUNWA MUGUFI BIRENZE? nayo iti; EREGA MUGENZI UTW"UMWORO TWOMWEGERA"! Aho tudahuriza gusa n’uko atakarorero uha abahungu batwara ibihugu vy’Afrika, kuko baguma bagundira ubutegetsi bataziko aho bari hahora abandi kandiko na "NYINA W’UWUNDI AVYARA UMUHUNGU"

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.