Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe : Robert Mugabe yahimbaje imyaka 90 y’amavuka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Robert Mugabe yahimbaje imyaka 90 y’amavuka

Zimbabwe : Robert Mugabe yahimbaje imyaka 90 y’amavuka

vendredi 21 Ruhuhuma 2014

Umukuru w’igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe amaze imyaka mirongo itatu ari ku butegetsi, yakwije imyaka mirongo icenda y’amavuka naho bivurwa ko yoba agwaye kanseri yo mu bihimba vy’irondoka (Prostate).

Robert Mugabe, umukuru w’igihugu ca Zimbabwe akavuga ko atumva ukungene amaze iyo myaka yose akiri muzima, ati “Ni ubugombe bw’Imana kugira mbe ndamvye gushika ubu”.

Naho bibandanya bivurwa cane ko yoba agendana indwara ya kanseri mu bihimba vyiwe vyirondoka (Prostate), urwo rukurukuru ntirurigera rwemezwa icese.
Robert Mugabe akaba yaraherutse gusubira guhabwa ikindi kiringo co kurongora igihugu ca Zimbabwe mu mwaka w’2013 mu kiringo c’imyaka itanu, aho mu gihe abatavuga rumwe nawe bemeza ko amatora yibwe. Bivurwa kandi ko inyuma y’amatora, Robert Mugabe yashinze irindi bwirizwa nshingiro rizomutuma aguma ku butegetsi gushika no ku myaka 99 y’amavuka yiwe.

Yavutse kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 1924, avukira mu muryango w’abakatorika b’i Katuma. Azwi nk’umuntu akunda kuguma ari wenyene, akaba yari akerebutse cane no mw’ishure. Yatahukanye impapuro indwi z’umutsindo mu mashure ya kaminuza hamwe n’impamyabushobozi y’inyuma ya kaminuza (maitrise) mu gisata c’amategeko, urupapuro yaronkeye mw’ibohero.

Yamenyeye ivya poritike kuri kaminuza ya Fort Hare, kaminuza yonyene yari y’abirabure muri gihugu ca Afrika yepfo yarwanya ivya karyanishamiryango, ari naho yaciye ahahurira n’abandi bagiye baraba abagetsi mu nyuma, muri ako karere. Bikavurwa mbere ko yoba yari n’umugenzi w’umuhisi Nelson Mandela.

Umwuga yakurikiranye akaba ari uwo kwigisha wanamutumye agera mu gihugu ca Zambiya ico gihe kikaba citwa Rhodesie yo mu buraruko, hama mu nyuma ashika no mu gihugu ca Ghana.

Mwomenya ko muvyaranze Robert Mugabe, yigeze gupfungwa imyaka cumi mw’ibohero kuva mu mwaka w’1964 gushika mu mwaka w’1974. Akaba yatanguye gutwara igihugu ca Zimbabwe citwa kandi Rhodesie y’amaja epfo kuva mu mwaka w’1984.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.