Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe : Yumva yasubiranye inguvu zidasanzwe kugire agume ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Zimbabwe : Yumva yasubiranye inguvu zidasanzwe kugire agume ku (...)

Zimbabwe : Yumva yasubiranye inguvu zidasanzwe kugire agume ku butegetsi

mercredi 19 Ruheshi 2013

Amatora yarategekanijwe y’umukuru w’igihugu n’ayabashingamateka muri Zimbabwe kw’igenekerezo rya 31 Mukakaro, yegejwe imbere nk’uko bimenyeshwa n’umushikiranganji w’ubutungane muri ico gihugu Patrick Cimassa.

Roberi Mugabe w’imyaka 89 y’amavuka, yoba ariko yegeza amatora inyuma kugira ikiringo cari gitegekanijwe eka ndetse ikiringo imigambwe itavuga rumwe nawe yari yatoye kugira abe ariho ayo matora yobera. Mugabe ngo yoba yaciye yitura sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro kugira ico kiringo cigire imbere. Mugabe rero yarenze kuvyo akarere kari kamusavye ndetse n’ivyo yari yumvikanye n’abanyagihugu, baserukiwe n’imigambwe itavuga rumwe nawe, mukwemeza ko ayo matora azoba kwigenekerezo rya 14 Myandagaro uyu mwaka.

N’aho yagirizwa ko ataco ashoboye mu kurongora igihugu, we avugako yumva yasubiranye ingivu nk’izo yari afise mu myaka y’1985. Abarongoye ishirahamwe SADC igihe bari bakoraniye i Maputo akaba aribo basanzwe baja hagati mu gutatura amatati ari hagati y’abatavuga rumwe muri Zimbabwe, kubw’ivyo rero, abari bakoraniye hamwe muri iyo nama bakaba ataco bashatse kwerekana aho bahagaze kuri ico kibazo c’uguhindura igenekerezo ryari ryemejwe mu kiringo c’amatora.

Ayo matora rero akaba yitezwemwo umuti kuko amatora yo mu mwaka w’2008 yabayemwo akagorane, aho abanyagihugu bashika 200 bagandaguye, kugira ntihaduke indwano hagati y’abanyiguhugu, haciye hasabwa ko Mugabe na Tsvangirai bosangira ubutegetsi, ariko bakaba batwaye bameze, nk’umwe atambana na mukeba adakubita urugohe, none ikiringo cabo kiriko kirarangira.

Mugabe akaba ari mu bakuru b’ibihugu vya Africa batakunzwe cane n’amakungu, bivanye n’uko yagirizwa gufata ingingo zidahuye n’amategeko, kutubahiriza agateka kazina muntu, ndetse akaba ari no mu bakuru bibihugu bake bo muri Afrika bashoboye kwifatirwa mu gahanga n’abanyagihugu, ahio yatutswe izuba riva ko ameze nk’indogobwe iboze.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.