Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zinedine Zidane ashobora gusubirira umumenyereza wa Olympique (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Zinedine Zidane ashobora gusubirira umumenyereza wa Olympique (...)

Zinedine Zidane ashobora gusubirira umumenyereza wa Olympique Marseille

lundi 10 Myandagaro 2015

Inyuma y’umunsi umwe gusa uwahora amenyereza umurwi wa Olmpique Marseille mu gihugu c’Ubufaransa Marcelo Bielsa atanze imihoho,izina rya Zinedine Zidane yahoze akinira umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa aravugwa mu bashobora kumusubirira.

Marcelo Bielsa yatanze imihoho inyuma yo gutsindwa urukino rwa mbere mw’ihiganwa ry’Ubufaransa n’umurwi wa Caen igitsindo kimwe ku busa.Umuyobozi w’umurwi wa Marseille yashize ahabona imiriyoni 7 z’amafaranga y’abanyaburaya azohabwa umumenyereza mushasha.

Hejuru ya Zinedine Zidane asanzwe amenyereza umurwi wa kabiri w’umurwi Real Madrid wo mu gihugu ca Espagne,abandi bivugwa ko bashobora gusubirira umumenyereza Marcelo Bielsa ni,umufaransa Frédéric Antonetti,umubirigi Éric Gerets.

Abandi bavugwa ni Jürgen Klopp yahoze amenyereza umurwi wa Dortmund,Carlo Ancelotti, Walter Mazzarri na André Villas-Boas.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.