Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zuckerberg agiye gufasha umurepublike Chris Christie - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Zuckerberg agiye gufasha umurepublike Chris Christie

Zuckerberg agiye gufasha umurepublike Chris Christie

vendredi 25 Nzero 2013

Uwatanguje ubuhinga bwa Facebook,Mark Zuckerberg agiye gutegura ihuriro ryo kwegeranya uburyo bwo gufasha Chris Christy umurepublike akaba n’ umukuru w’intara ya New Jersey.

Nkuko vyashikirijwe n’ibimenyeshamakuru vyo muri Amerika vyabishikirije kuri uno wa kane,Chris Christy agiye gutunganya ihuriro rizobera mu nzu yiwe Palo Alto iri muri Leta ya Californie.Chris Christy akaba ari umwe mu batowe ashinzwe amaso muri Leta zunze ubumwe za Amerika inyuma y’igihuhusi Sandy caciye mu buseruko bwa Leta zunze ubumwe za Amerika mu mpera z’ukwezi kwa Munyonyo umwaka uheze.

Bivuye rero ku gushaka guhamagarira abatowe I Washington kwemeza infashanyo zofasha gusanura uturere igihuhusi Sandy caciyemwo,vyatumye bamwe bamushira mu kibanza ca mbere,bakabona mbere ko ashobora kuba mu bazokwitoza kurongora Leta zunze ubumwe za Amerika mu mwaka w’2016.

Chri Christy rero yari yarahuye ku ncuro ya mbere na Mark Zuckerberg mu mwaka w’2010,igihe uwo mugwizatunga akiri muto Christy yatanze ingabire y’imiriyoni 100 z’amadorare ku mashuri ya Leta ari muri Leta ya New Jersey.

Mark Zuckerberg akaba agiye kwakira ihuriro ryo kwegeranya uburyo hagati mu kwezi kwa Ruhuhuma.

Uwatumiwe wese muri iryo huriro rero akaba azotanga amadorare 3 800 azokoreshwa mu gushigikira uwo yatanguje ubuhinga bwa Facebook.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.