Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Abadandariza kw’isoko ya COTEBU batinya guhomba kubera ingingo (...)
Abadandariza kw’isoko ya COTEBU batinya guhomba kubera ingingo yafashwe
mercredi 8 Munyonyo 2017, par
Nk’uko tubimenyeshwa n’abadandaza bo muri iyo soko, ku mugoroba w’umunsi wa mbere w’iyi ndwi turimwo, baronse urwandiko rumenyesha ko ibidandazwa bikomoka mu ntara ya Cibitoke ca Rugombo vyoza birarangurirwa kwisoko yo kwa Siyoni.
« Umugenduzi w’isoko yatugirishije inama atwereka urwete rusaba ko ibidandazwa vyose bikomoka mu ntara ya Cibitoke bigiye kuza birarangurirwa mw’isoko ya Siyoni. Ku munsi wa kabiri, twazindutse dusanga ibidandazwa vyimuwe, nikwo kuja mu ruhagarara, abadandaza batangura kuja kurondera ibibanza mw’isoko ya Siyoni.» Uwo mupfasoni asanzwe adandaza ibirungo n’imboga yatumenyesheje ko mu gihe kuri uwu wa gatatu bari bateguye guhagarika akazi bakagira yegereyegere (Greve), bazindutse basanga ibidandaza vyagarukanwe, akizera ko ico kibazo coba catorewe umuti.

Uwundi mugabo asanzwe adandaza imboga, yatumenyesheje ko hamwe boramuka bashize mu ngiro iyo ngingo yo kwungururiza ibidandazwa biva mu ntara ya Cibitoke kw’isoko ryo kwa Siyoni, boba basa n’abugaye isoko rya COTEBU.
« Ibidandazwa biva mu ntara ya Cibitoke nivyo bituma ahanini haba uruja n’uruza mw’isoko. Mu gihe vyojanwa ahandi vyoba bisa n’ukwo boba bafashe ingingo yo kwugara isoko ya COTEBU. »
Ivyo biri uko mu gihe hari haheze amezi make gusa hafashwe ingingo zotuma isoko ya COTEBU ikomera, zimwe muri izo ngingo akaba ari uko abadandaza bahora badandariza hagati mu gisagara ca Bujumbura, mu kibanza kizwi kw’izina rya "Le Grenier du Burundi" bakuweyo bajanwa kudandariza muri iyo soko yo mu Ngagara.
Twarondeye umugenduzi w’isoko ya COTEBU hamwe n’uwuserukira abadandaza kugira tumenye ikigiye gukorwa, ariko twitwashoboye kubaronka kubera bari mu nama.
Pacifique BUKURU