Amasoko ane yasubiwemwo n’igisagara ca Bujumbura agiye kwinjirwa

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 11 mai 2018 saa 12:02
Yasomwe :
0 0

Mu gihe hari haheze iminsi hari imyidogo mu badandaza bafise ibibanza mu masoko yasubiwemwo n’igisagara ca Bujumbura, ubuyobbozi bw’igisagara ca Bujumbura bumenyesha ko amasoko ane muri ayo, azokwugururwa kw’igenekerezo rya 30 Rusama 2018.

Ayo masoko azokwinjirwa, ni isoko ya Kinama, Jabe, Musaga na Ruziba yari yugawe kubera ibikorwa vyo kuyasubiramwo vyari vyatanguye mu mwaka wa 2016.

Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura, bumenyesha ko amasoko mfatakibanza abadandaza bahora bakoreramwo, azoca yugarwa kuri iryo genekerezo nyene, kugira abadandaza basubire mu masoko yasubiwemwo.

Mw’itangazo ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura ryashize ahabona, bumenyesha ko umudandaza hazogera iryo sango atarariha amafaranga yo kwubaka ikibanza, azoca acakwa gihabwe uwubishoboye.

Ku yandi masoko yasubiwemwo nk’isoko ya Ngagara, iya Kinindo n’iya Kanyosha, abadandaza bakorera mur’iyo, basabwa kuriha amafaranga basabwa yo kwubaka ibibanza vyabo, mu ntumbero yo kubatunganiriza vuba, kugira bazoce babamenyesha isango ryo kuyinjira.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha