Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Joseph BUTORE :“ico bene urugo badafunguye gitera amakenga umushitsi” - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Ubudandaji > Joseph BUTORE :“ico bene urugo badafunguye gitera amakenga umushitsi”

Joseph BUTORE :“ico bene urugo badafunguye gitera amakenga umushitsi”

Thursday 5 July 2018, by vianney

Mu birori vyo kugurura ihayanishwa gurisha rya kabiri ryitiriwe “Ivyahinguriwe i Burundi umwaka wa 2018 ” ,icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE yamenyesheje ko guhingura ibidandazwa ari kimwe kubikunda no kuvyijukira ari ikindi ari naco gituma abantu bibaza ko ibivuye hakurya y’amazi arivyo vyiza bakwiye kuvavanura n’iyo ngendo.

Joseph BUTORE yamenyesheje abitavye iryo hayanishwa gurishwa gutanga akarorero mu gukunda ivyahinguriwe i Burundi iwacu no kubiha agaciro kuko vyerekana urugero umuntu aba agezeko mu gukunda igihugu ciwe.

Uwaserukiye umukuru w’igisagara ca Bujumbura yavuze ko ibihingurirwa hano i Burundi vyerekana ko mu gihugu bashobye kandi bishobora kurungikwa mu mahanga bikazana amafaranga y’agaciro mu ntumbero yo guteza imbere igihugu.

Umukuru w’ikigo kijejwe abagwizatunga mu Burundi CFCIB,Audace NDAYIZEYE yamenyesheje ko iryo hayanishwa gurisha ryateguwe mu ntumbero yo kumenyekanisha ibikorerewa mu Burundi mu mugambi wo kubiha agaciro kugira abantu ntibirukire ivyo hanze ariko berekane ko bakunda igihugu cabo mu kwijukira ibihingurirwa iwabo.

Abitavye iryo hayanishwa gurishwa baganiriye n’ikinyamakuru “IGIHE” bamenyesheje ko baryitavye mu ntumbero yo kumenyekanisha ibikorwa vy’abo abantu bamenye ko bihingurirwa mu Burundi.

Joselyne GAHIMBARE umwe mu bitavye iryo hayanishwa gurisha yatumenyesheje ko akunguko bazohakura aruko inganda zabo zizomenyekana kandi bongere baharonkera n’abaguzi.

Ihayanishwa gurishwa ryitiriwe “Ivyahinguriwe I Burundi umwaka wa 2018” ryatanguye kw’igenekerezo rya 29 Ruheshi 2018 rikazorangira kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro 2018 rikaba ririko rihimbazwa ku civugo kivuga giti:“ Tugure ivyahinguriwe i Burundi,twubake igihugu cacu.”


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.