Uburundi bugiye kwakira Ihuriro hayanishwa ry’amahinguriro akorera mu Burundi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 11 mai 2018 saa 11:52
44985
0 0

Umukuru w’Ishirahamwe ry’amahinguriro akorera mu Burundi AIB ririko rirategura ihuriro hayanishwa ry’amahinguriro akorera mu Burundi rizoba kuva kw’igenekerezo rya 14 gushika kurya 16 Ruheshi, mu nyubakwa z’ihoteri Club des vacances. Olivier SUGURU arongoye iryo shirahamwe, amenyesha ko kazoba akaryo ku mahinguriro y’Uburundi, ko kwerekana ivyo ahingura, no kumenyekanisha ibihingurirwa mu Burundi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 11 Rusama 2018, Olivier SUGURU, arongoye AIB, amenyesha ko amahinguriro yo mu Burundi yagize ingora kuva mu mwaka w’1993 hamwe no muri 2015, bivuye ku magume Uburundi bwagiye buracamwo.

Olivier SUGURU arongoye Ishirahamwe ry’amahinguriro akorera mu Burundi, avuga ko igisata c’amahinguriro kidakora neza nk’ayandi mahinguriro yo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko bivuye ku mvo zitandukanye, ari naco gituma biyumviriye gutunganya iryo huriro.

Ati : Mu bijanye n’amahinguriro mu Burundi turacari inyuma cane. Ahanini biva ku muyagankuba muke kandi uzimvye tugereranije n’ibindi bihugu vyo mu karere, ikibazo co kwiyunguruza, gukoresha abakozi badafise ubumenyi bukwiye, hamwe n’ibisata vya Reta batorohereza abari mu gisata c’amahinguriro nk’uko biri mu bindi bihugu.

Umukuru w’ishirahamwe AIB amenyesha ko, muri iryo huriro, bazoboneraho akaryo ko guhimiriza abanyamahinguriro mato mato kugira bayamenyekanishe, kandi bazoronka akaryo ko guhanahana ivyiyumviro n’abo mu mahinguriro yo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Ishirahamwe ry’amahinguriro akorera mu Burundi AIB, rihurikiyemwo amahinguriro 50 amaze kwiyandikisha, nayo igisata c’amahinguriro mu Burundi kikaba cinjiza ibice 9,7 kw’ijana vy’amafaranga yinjira mu gihugu.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha