Ikigo OBR kiragabisha abadandaza batazotanga fagitire ku baguzi

Yanditswe na Callixte Carpe NDIKUMANA
Kuya 27 février 2018 saa 05:12
18195
0 0

Ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi OBR, kimenyesha abanyagihugu ko hagiye gukoreshwa ifagitire ku badandaza bose atawuvuyemwo, mu gusohora ibidandazwa. NIYONZIMA Jean Berchimans ,komiseri ajewe itozwa ry’amakori hagati mu gihugu, avuga ko iyo fagitire izohabwa uwo wese aguriye ikintu ku mudandaza, mbere no kubagira uruja n’uruza n’amamodokari.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2018, Komiseri NIYONZIMA Jean Berchimans yavuze ko uwo mugambi wateguwe mu ntumbero yo kworohereza ikigo OBR, mu biharuro bakora buri kwezi.

Komiseri NIYONZIMA Jean Berchimans yamenyesheje kandi ko igikorwa co gutanga fagitire kizokorwa n’abadandaza bakibonamwo akarusho gashika ku bice 30 kw’ijana vyiyongera ku mafaranga bahora binjiza.

Komiseri NIYONZIMA Jean Berchimas avuga kandi ko, ikigo OBR camenyekanishije biciye mu makete umuyobozi mukuru arongoye ikigo OBR yarungikiye abadandaza bose bo mu gihugu hagati no mugisagara ca Bujumbura, ko iyo fagitire yamaze kuja mu ngiro kuva kw’igenekerezo rya 1 Nzero, 2018, kandi ko uwutazobikurikiza azohanwa mu gutanga ihadabu ringana n’ibice 20 kw’ijana vy’igiciro c’ikiguzi yakiriye ariko aradandaza.

Komiseri Jean Berchimas yamenyesheje ko, ikigo OBR kiriko gica ku nzu ku nzu y’umudandaza kimumenyesha amategeko agenga ikoreshwa ry’iyo fagitire, kugira abadandaza ntibazokwicuze mu nyuma.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha