Incamake

Ishirahamwe ry’amahinguriro mu Burundi ryatanguje ihuriro hayanishwa

Yanditswe na IGIHE
Kuya 14 juin 2018 saa 03:10
26385
0 0

Ishirahamwe ry’amahinguriro akorera mu Burundi AIB ryatanguje ihuriro hayanishwa ry’amahinguriro akorera mu Burundi kuva kur’uyu wa kane igenekerezo rya 14 Ruheshi 2018. Umukuru w’ishirahamwe AIB, amenyesha ko iryo huriro hayanishwa rizomara iminsi itatu, rizofasha mu guteza imbere igisata c’amahinguriro mu Burundi.

Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura iryo huriro hayanishwa, Olivier SUGURU arongoye ishirahamwe ry’amahinguriro akorera mu Burundi AIB, yamenyesheje ko iryo huriro hayanishwa rizofasha amahinguriro yo mu Burundi n’ayo mu karere kuja ahabona no kumenyekana mu bafasha mw’iterambere.

Olivier SUGURU arongoye AIB, yavuze kandi ko, iryo huriro hayanishwa rizofasha amahinguriro yo mu Burundi gukomeza ubucuti hamwe n’amahinguriro yo mu karere, guteza imbere no gukomeza ubucuti mu bijanye n’ubudandaji mu karere.

Umukuru w’ishirahamwe ry’amahinguriro mu Burundi AIB, yavuze kandi ko ishirahamwe arongoye rikorera mu bisata vyo guhingura ibifungurwa, impapuro n’ibindi bikorwa mu mpapuro, ibikoresho vyo kwa muganga, ibikorwa mu biti, ibikoresho vyo kwubaka, ivyuma hamwe n’ibindi.

Olivier SUGURU asaba abarongoye igihugu gutoza amategeko ahana abigana ivyakozwe n’abandi nk’uko biri mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, bashireho kandi intumbero y’igihugu ijanye n’amahinguriro, hashirweho kandi urwego rw’ibiganiro hagati y’ubushikiranganji bw’ubudandaji amahinguriro n’ingenzi n’ishirahamwe AIB.

Ibirori vyo kwugurura iryo huriro vyari vyitabwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE, umushikiranganji w’ubudandaji,amahinguriro n’ingenzi.

Ishirahamwe ry’amahinguriro akorera mu Burundi ryatanguye gukora kw’igenekerezo rya 22 Nzero 2010, rikaba riri mu mashirahamwe yatanguje ikigo c’ubudandaji n’amahinguriro mu Burundi.


Kumenyekanisha

1
Bayisabe Augustin 18-06-2018 à 20:42

Nivyiza Ko U Burundi Bwoguma Butera Imbere ! Ahubwo Barondere N’iyindi Migambi Kuko Abakozi Turiho Twahejeje Amashure ! Turabuze Ico Dukora Natwebwe. Ntakuba Ngaho Umengo Ntaco Uri. Ni Bagerageze !

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha