Abadandariza mu kibanza ’’Le grenier du Burundi’’ ntibararonka uburenganzira bwo gutora ibidandazwa

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 6 Mukakaro 2017 saa 10:48
Yasomwe : 4545
0 0

Abahora badandariza mu kibanza “ Le grenier du Burundi “ bavugako bataye umwizero bahawe n’abarongozi b’igisagara ca Bujumbura co kubaha uburenganzira bwo gutora ibidandazwa vyabo vyugaraniwe muri ico kibanza .

Bamwe mu bahora badandariza muri ico kibanza, bavuga ko bari bamenyeshejwe ko ku muhingamo wo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 5 Mukakaro 2017, babugururira kugira batore ibidandazwa vyari vyugaraniwe mu kibanza ‘’Le grenier du Burundi’’ kuva mu masaha y’igitondo.

Ikibanza “ le grenier du Burundi “ cugawe kuva mu gatondo ko ku wa gatatu, inyuma yaho ku munsi w’Imana igenekerezo rya 2 Mukakaro umuyobozi w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA asabiye abadandaza gukura ibidandazwa muri ico kibanza.

Abadandaza bagumye basigura ko bavuye muri ico kibanza bazoba basubiye gukorera mw’ibarabara,kuko ata bibanza bafise mu masoko mashasha basabwa kwimukiramwo,kuko hasanzwe hari abahafise ibibanza.

Abo bahora badandariza mu kibanza ’’Le grenier du Burundi’’ basaba ko ikibanza co kwugururwa kugira batore ibidandazwa,kuko bafise ubwoba ko hari ivyo bazosanga vyononekaye.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha