IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abafatanwe ikawa batwaye mu Rwanda baciriwe urubanza

Abafatanwe ikawa batwaye mu Rwanda baciriwe urubanza

jeudi 31 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Umurwi wa mbere ugizwe n’abagabo babiri bafatanwe iyo kawa, bakaba bahanishijwe ugupfungwa imyaka itanu hamwe n’ugutanga amande y’amafaranga y’amarundi ibihumbi ijana.

JPEG - 174.2 ko
Abantu batandatu bafatanwe iyo kawa

Umurwi ugira kabiri w’abo bafatanwe ikawa itwawe mu Rwanda ugizwe n’abasore bane bakorera abo bagabo bene iyo kawa. Abo basore baciriwe umunyororo w’imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ugutanga amande y’ibihumbi mirongo itanu umwe wese.

Bose uko ari batandatu baremera icaha bagirizwa, bakaba babwiye abacamanza ko bari bashoye iyo kawa mu Rwanda kubera ariho igiciro kiri hejuru bagereranije no mu Burundi.

JPEG - 123.3 ko
Ibiro 300 vy’ikawa yari itwawe mu Rwanda vyafashwe

Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.