Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa urupfu rwa Général Adolphe NSHIMIRIMANA basabiwe uwo (...)
Abagirizwa urupfu rwa Général Adolphe NSHIMIRIMANA basabiwe uwo guherayo
mercredi 12 Gitugutu 2016, par
Abasirikare batanu hamwe n’abaporisi batatu bagirizwa gututegura hamwe n’ukugandagura Général Adolphe NSHIMIRIMANA basabiwe n’umushikirizamanza wa sentare nkuru ya commune Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura, ko bopfungwa ubuzima bwabo bwose.
Abo bagirizwa ico caha barengutse kuri uwu wa kabiri mu rubanza rw’ukuburana mw’ido n’ido, bane muribo bakaba bari bazananye n’ivyabona vyemeza ko ico caha batagikoze, kuko kubw’ivyo vyabona, abo bane bafatiwe mu kibanza kitari icagandaguriwemwo Général Adolphe NSHIMIRIMANA.
Abandi batatu muribo bakaba batari kumwe n’ivyabona vyabo, aho bakaba basiguriye sentare ko babuze uburyo bw’ukwiyunguruza kw’ayo masura.
- Général Adolphe NSHIMIRIMANA yagandaguwe kw’igenekerezo rya 2 Myandagaro 2015
Umushikirizamanza yasabwe kuzana ivyabona vyiwe umunani yavuze ko afise, ariko akaba yamenyesheje ko bitashoboye kuza kubera imvo z’umutekano wavyo. Ariko akaba yari afise ivyegeranyo vyateweko umukono n’ivyo vyabona, abagirizwa icaha bakaba bavyiyamirije.
Umushikirizamanza yari afise kandi amajwi avuga ko yafashwe igihe abagandaguye Général Adolphe NSHIMIRIMANA bari mu munsi mukuru w’uguhimbaza iyicwa ry’iyo ntwazangabo y’igisirikare c’Uburundi. N’ivyo nyene abagirizwa icaha bavyiyamirije, kuko ku bwabo, ata kintu na kimwe cemeza ko ayo majwi ari ayabo.
Abagirizwa urupfu rwa Général Adolphe NSHIMIRIMANA basavye sentare ko yobambika izera, kuko ata cemeza na kimwe ko aribo bakoze ico caha.
Umushikirizamanza nawe yabasabiye gupfungwa ubuzima bwabo bwose, sentare ikaba yashize urwo rubanza mu mwiherero. Ruzosomwa mu minsi itarenga mirongo itatu, iminsi iharurwa kuva kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 11 Gitugutu 2016.
IGIHE
Messages
12 Gitugutu 2016, 08:54, par Kuri
EMWE YEMWE URWO RUBANZA NKANJE NORUSOMERAHO ! NONE IVYO VYABONA BITINYA KWEMANGA UKURI NIVYAHEHE?
2 AYO MAZWI UYO YAYAFASHE YANANIWE GUTE GUFATA VIDEO CANKE IFOTO YICO KIBANZA?
3. Ivyo vyabona vyabo bantu kuki bitohabwa uburyo bwo kwiyunguruza na reta ifunze abo bantu?
4. Mbega hoho mwobaha akanya hakaboneka uburyo ivyo vyabona vyoza kubivuga
12 Gitugutu 2016, 09:27, par Issa
Nibareke gusamaza abantu kuko abamwishe turabazi nabo nyene bariko bacira urubanza izo nzira karengane ariko bihangane kuko ibintu bizoteba bije ahabona abarundi bamenye uwamwishe nico yazize kugira yicwe na benewabo
12 Gitugutu 2016, 10:18, par SA
ha?
12 Gitugutu 2016, 10:44, par Fnl
Hhaahh Mcezo wa ndani,yaco musamaza abanyagihugu n’amakungu,ivyaba DD nabamwishe birazwi
12 Gitugutu 2016, 11:00, par fils jde Dieu
Non nkabo bakoze iryo bara bakaduhekura yayaya ’kaba twari tuzi ko nabo bamusanzeyo none ngi ivyo urwo rubanza sigo igihani nigito nibabagirire
12 Gitugutu 2016, 13:14, par vivi
murihendabasha ubu ivyo muburundinumwana atizeniyambere abiharurira hafi kuko ibiharuromurikomurakoreshantibisaba gusambugwa nuwize ahubwo womengo bisumbwani vyuruyoya!! muzotebamutubwire idonido ryicatumye mumwica.
12 Gitugutu 2016, 17:08, par Uwimana
Mbe adolophe niwe amaze guhitanwa nikiringo ca3 ca nkurunziza wenyene? Izindi manza zabandi ko zidacibwa ngo ababishe nabo bahanwe nkabandi?
12 Gitugutu 2016, 19:53, par FAUSTIN
Bazira Ubusa Kuko Ntabasirikar Nkabarya Bari Gutegura Kirya Gikorwa Co Kugandagura Umu General.
12 Gitugutu 2016, 22:18, par Mjc
Hamwe Ataworenganwa Ntaco Ariko Ikigongwe Kirakenew Mais Les Morts Ne Sont Pas Mort
13 Gitugutu 2016, 06:47, par morodikayi.
Iryo nirementanya abobasirikare bateguriwe, nabobamenja bibirwarudubi. Shimirimana Adolphe wewe arindiriye urwacibwa ni Mana urya mugesera, ahubwo ahava asevya ivu yo ngere agaruke, kunwa amaraso yabenuburundi nubwo bagenziwe bariko bararima birenza mukwica abanyagihugu. Ariko nabonyene ngo umusi warwo inkoko ntibika.
13 Gitugutu 2016, 09:06, par Nyamitwe mutoya.com
REKE IZO NZIRAKARENGANE ZIGIRE.NKURU,BUNYONI,NDAKUGARIKA,KAZUNGU NA BANYAMITWE BAMWICIYE MUNAMA YUKUGABANGANA IVYICARO, KOMUTABAKORAKO?
13 Gitugutu 2016, 11:50, par Djy Alias
Nibemere Intahe Ibokere Kuko Bakoze Ibara Ridasanzwe Ntanarimwe Uwagirizwa Yigera Yemera!!
13 Gitugutu 2016, 19:26, par alia
birahaye bigaragara ko adolphe yishwe nubutegetsi bigaragarira muri rurya rubanza izo mbonera kure ziciwe se wazo nizimenye ko yihwe nubwo butegetsi zirirwa zira tera amashurwe se wabo yaravuyemo nabo nejo nibareke guhuma amaso abanyagihugu biriko bira garagara kimwegusa twizere imana irakomeye peee kuko sinibaza ko ADOLPHe yopfa kabisa
14 Gitugutu 2016, 19:45, par Pierre claver
Meme les gens qui ont Tue cet assassin ce premier rang srront piurssuivi. Bien que le commanditaire est connu dore et deja. Il n’y aura pas de crime qui ne sera pas juge.
15 Gitugutu 2016, 08:52, par tuyizere innocent (abasani)
ha ! nakamaramaza
16 Gitugutu 2016, 16:43, par mbazumutima clovis
tunzokuva ingene binzogenda
15 Mukakaro 2017, 19:20, par Issa
None Abo Bantu Bakoze Akokabi Kabishe Bakagandagura Intwari ,ntibakwiye Kurekugwa;
30 Ruheshi 2018, 22:27, par sadaco nibaruta
Jew ntaco ndayiyumvirako
11 Gitugutu 2018, 17:05, par Nitangavyose Fulgence
muburundi twarabuze intwari.imana izoduha abandi bameze nkawe