Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abagirizwa urupfu rwa Général Adolphe NSHIMIRIMANA basabiwe uwo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa urupfu rwa Général Adolphe NSHIMIRIMANA basabiwe uwo (...)

Abagirizwa urupfu rwa Général Adolphe NSHIMIRIMANA basabiwe uwo guherayo

mercredi 12 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Abasirikare batanu hamwe n’abaporisi batatu bagirizwa gututegura hamwe n’ukugandagura Général Adolphe NSHIMIRIMANA basabiwe n’umushikirizamanza wa sentare nkuru ya commune Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura, ko bopfungwa ubuzima bwabo bwose.

Abo bagirizwa ico caha barengutse kuri uwu wa kabiri mu rubanza rw’ukuburana mw’ido n’ido, bane muribo bakaba bari bazananye n’ivyabona vyemeza ko ico caha batagikoze, kuko kubw’ivyo vyabona, abo bane bafatiwe mu kibanza kitari icagandaguriwemwo Général Adolphe NSHIMIRIMANA.

Abandi batatu muribo bakaba batari kumwe n’ivyabona vyabo, aho bakaba basiguriye sentare ko babuze uburyo bw’ukwiyunguruza kw’ayo masura.

JPEG - 134.2 ko
Général Adolphe NSHIMIRIMANA yagandaguwe kw’igenekerezo rya 2 Myandagaro 2015

Umushikirizamanza yasabwe kuzana ivyabona vyiwe umunani yavuze ko afise, ariko akaba yamenyesheje ko bitashoboye kuza kubera imvo z’umutekano wavyo. Ariko akaba yari afise ivyegeranyo vyateweko umukono n’ivyo vyabona, abagirizwa icaha bakaba bavyiyamirije.

Umushikirizamanza yari afise kandi amajwi avuga ko yafashwe igihe abagandaguye Général Adolphe NSHIMIRIMANA bari mu munsi mukuru w’uguhimbaza iyicwa ry’iyo ntwazangabo y’igisirikare c’Uburundi. N’ivyo nyene abagirizwa icaha bavyiyamirije, kuko ku bwabo, ata kintu na kimwe cemeza ko ayo majwi ari ayabo.

Abagirizwa urupfu rwa Général Adolphe NSHIMIRIMANA basavye sentare ko yobambika izera, kuko ata cemeza na kimwe ko aribo bakoze ico caha.

Umushikirizamanza nawe yabasabiye gupfungwa ubuzima bwabo bwose, sentare ikaba yashize urwo rubanza mu mwiherero. Ruzosomwa mu minsi itarenga mirongo itatu, iminsi iharurwa kuva kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 11 Gitugutu 2016.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.