Abakorera mu bibanza vyatewe n’umuriro ntibarinjira kuraba ivyononekaye

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 13 Ruheshi 2017 saa 03:04
Yasomwe : 6417
0 0

Abadandaza bakorera mu kibanza kiri hafi y’isoko "Le Parisien" basaba ko borekurirwa kwinjira kuraba ivyoba vyarasigaye, inyuma y’impanuka y’umucanwa yadutse kuwa gatandatu igenekerezo rya 10 Ruheshi 2017.

Bamwe muri abo badandaza bamenyesha ko kuva hadutse umuriro wahitanye ikibanza gikoreramwo ababarira impuzu, batararonka uburenganzira bwo kuja kuraba ivyabo vyoba vyarasigaye.

Bavuga ko muri iki gihe bafise intuntu n’agahinda, kuko ushika kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 13 Ruheshi 2017, batazi namba hari ivyasigaye canke ko vyahiye vyose.

Abo bahishije ibidandazwa bavuga ko vyoba vyiza bamenye igiciro c’ivyo bahishije, kugira bamenye uko bifata nico bakora na cane cane ku bijanye no gusaba ingurane yobafasha gusubira kwiyungunganya.

Bamwe muri abo bari bafise amadeni basavye mu mabanki, basaba ayo mabanki yari yabahaye ingurane ko yotahura ingorane bagize, bishobotse mbere babongere ingurane n’ikiringo co kuriha.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha