IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abanyagisagara ca Bujumbura basiguriwe ivyahinyanyuwe mw’ibwirizwa (...)

Abanyagisagara ca Bujumbura basiguriwe ivyahinyanyuwe mw’ibwirizwa nshingiro

vendredi 5 janvier 2018

Mu gikorwa co gusigurira abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura ibiri mw’ibwirizwa nshingiro bizohinduka,umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yamenyesheje abitavye kw’ igikorwa co guhinyanyura ibwirizwa shingiro aric’abarundi bose nkuko bikorwa mu bindi bihugu .

Umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yasiguriye abari aho ko amasezerano ya Arusha atariyo agenga igihugu, ariko ibihambaye muri yo bishobora kuja mw’ibwirizwa shingiro.

Edourad NDUWIMANA yavuze ati : “Kw’isi nzima ,nta na hamwe amasezerano acika ibwirizwa shingiro, gusa ibihambaye muri yo bija mw’ibwirizwa shingiro.

Kubijanye n’abavuga ko amasezerano y’I Arusha atubahirijwe,umuhuza w’abarundi yashikirije ko ibiri mu ntangamarara y’ibwirizwa shingiro vyerekana ko amasezerano y’i Arusha yubahirijwe kandi azobandanya yubahirizwa ,ku bwiwe ico kigabane kirasigura neza ibijanye no gushira amahoro imbere,gusubiza hamwe abarundi hamwe n’ivyo gutsimbataza agateka ka zina muntu bizokorwa hisunzwe ayo masezerano y’i Arusha.

’’Vyose bikorwa hisunzwe amasezerano ya Arusha’’

Bimwe mu bibazo vyabajijwe, hari ibijanye n’ukurahira kw’umukuru w’igihugu afise bibiriya mu kuboko kandi hariho abarundi atari abakirisu,ukutabona kumwe igabangana ry’ubutegetsi hisunzwe amoko hamwe n’ikibazo c’abigenga mu gihe c’amatora.

Mu kwishura kuri ivyo bibazo,Edouard NDUWIMANA ati :“Kurahira ufise Bibiriya ,ibwirizwa shingiro ntaco ribivugako ariko uwurahira aba afashe idarapo ry’igihugu.

Ivyerekeye ukutabona kumwe igabanganwa ry’ubutegetsi hisunzwe amoko,umuhuza yavuze ko vyose bikorwa hisunzwe amasezerano ya Arusha, kuko vyabereye igihugu inyishu y’ibibazo carimwo, ariko ko hashobora gushika igihe bizohinduka.

Ibijanye n’ikibazo c’abitoza nk’abigenga,Edouard NDUWIMANA avuga ko iyo nteguro isigura neza ko uwitoza nk’uwigenga ategerezwa kuba amaze n’imiburiburi umwaka umwe ata mugambwe numwe arimwo.

Bimwe biri mu nteguro y’ibwirizwa rishasha bizohinyanyurwa n’ibijanye nuko umukuru w’igihugu azokwitoza azoba afise imyaka 40,akitoza mu kiringo c’imyaka 7 gishobora kwisubirizwa rimwe gusa,gushiraho icegera kimwe c’umukuru w’igihugu hamwe n’umushikiranganji wa mbere azoshinga akongera akarongora reta.

Ibindi biri muri iyo nteguro nk’uko vyashikirijwe n’umuhuza,abahora ari abakuru b’igihugu ntibazoguma ari abakenguzamateka nk’uko vyahora, abacamanza bo muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro bazotorwa mu kiringo c’imyaka 8, kare yahora ari imyaka 6

Mwomenya ko iyo nteguro nshasha y’ibwirizwa shingiro izoba ifise ingingo 292, mu gihe ibwirizwa shingiro ryahahora ryari rifise ingingo 307.


BIKORIMANA Vianney

Messages

  • Andika hano IYONTEGURO NIYO,MUGBO HARAGAHAZ.1_URWEGO RWUMUHUZA WABARUNDI RUMAZIKI ?KORUTAFUSWE CANKE NGORUZORONGORWE NABIHEBEY IMANA,HAKURONGORWA NUMUNYAPOLITIKE AGIRAHAHENGAMIY.2_KUKI ABARONGOYE AMAZONE BATOJA MUBITOREGWA NABANYAGIHUGU HAKUGENWA NUKOMEKEGWA KUBANYAGIHUG NAHO BOBA BATAMUSHAKA ?3_MBE KUMENGA AMADINI NTAFATWA KUMWE MUBURUNDI CANECANE ISLAM,MBE IRYOBWIRIZWA RIBITEGETEGEKANYA KWIKI ?4_MBEGA TUZOBANDANYA KWITOZA MUNZEGO ZIBANZE AHOTUTAVUKIYE ?5_KUBERIKI IMYAKA YUGUTWARA ITOGABANUKA IKABA 3 CANKE 4.

  • amasezerano ya arusha ntanahamwe yigeze asa asanira nibwiriza nshingiro kuko ibwiriza shingiro namategeko atorwa nabarundi kandi bose ata numwe avuyemwo.,

  • Naho Bemeza Ko Umukuru W,igihugu Azotwara Ikiringo C,imyaka 7 Ikiyongera Rimwe Gusa,ntibizokwubahizwa Kuko N,ubundi Bazoronka Ivyitwazo vy,ibihe Nkuko N,ubu Bavyishimikije !None Ubuho Bakoze iki Cotuma Ibihe Bidahinduka Nkuko Vyahindutse Ubwambere ?N,ubundi Uwuzotwara Hanyuma Azoryoherwa N,ubutegetsi Ace Yumirako Yongere Ahinyanyure Amabwirizwa Amugenga Ku Nyungu Ziwe Nkuko Tubibona Ubu !Iryo Bwirizwa Rero Mbona Rizokwama Rihindagurika Nk,ibihe Vy,ikirere !Ntiduhendane Kuko Ako Ni Akagoborandya !Uri Umunyagihugu Mutoyi Guhabwa Itegeko Naho Biroroshe Kuko Ntawuharira N,uwumuhamba Ariko Ni Ukwemerana Kuko Ubona Atako Uri Bubigire !Kurongoranywa Umufyo !

  • akagabo kamwe niko kagomba guta igihugu mukaga,nimuduhe twikorere nimba mwananiwe,agathon rwasa arimwiki aho arekuza amaso nk’uruvuruvu ?uwomutama wacu pierre nkurunziza nikamuveko,akogahimbiri nukugafata tukagasweza nyina,uwomuhimbiri haraho bazopfa banganiye namutama wacu nyene icubahiro pierre nkurunziza ?nikidigadige gose gasumvy’aho.uwomutama wacu rero niyirambire ahumure agumane umutima munda igihugu turakibona nakare nitwebwe bokucubaka ntabandi.mutama rero nkaba ndamwipfurije imyaka cumi nine(14)irimbere kuzoyitwarana amahoro imigisha n’amagara meza kuriwe nomubiwe mbere nomubarundi biwe.tugire cndd fdd

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.