IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abanyaporitike ntibabona kumwe igikorwa co gusigura ibwirizwa (...)

Abanyaporitike ntibabona kumwe igikorwa co gusigura ibwirizwa nshingiro

vendredi 12 janvier 2018

Umukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye,Keffa NIBIZI amenyesha ko igihe co kuza gusigurira abanyagihugu gutora ego canke oya ku banyeporitike kitarashika, ubu ari akaryo kuri Reta kugira isigure ivyo vyahinyanyuwe mw’ibwirizwa shingiro.

Ku bijanye nuko bamwe mu basigurira abanyagihugu ivyahinyanyuwe ariko bakagenda babasavye kuzotora,« Ego »,uwo mukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye avuga ko ari ibisanzwe kuko nabo bazoronka akanya ko kuja gusigurira abanyagihugu ko botora Ego canke Oya.

Tatien SIBOMANA wo mu Runani rw’Abigenga Amizero y’abarundi avuga ko igikorwa co gusigurira abanyagihugu ivyahinyayumwe mw’ibwiriza shingiro bacakiriye nabi kuko batigeze bashima ico gikorwa kuva kigitangura.

Tatien SIBOMANA asigura ko naho boba bariko barasigurira ivyahinyanyuwe mw’ibwirizwa shingiro ata burenganzira bafise bwo kwigisha gutora EGO kuko ata tegeko ry’umukuru w’igihugu rirasohoka rihamagarira amatora.

JPEG - 40.6 ko
Tatien SIBOMANA,Umunyaporitike

Tatien SIBOMANA ati :« Bigenze uko ntazoba ari amatora azoba ari guhendana kuko nta mategeko bizoba bikwirikije,azoba ari amatora y’uruhande rumwe gusa. »

Uwo ari mu runani rw’Abigenga Amizero y’abarundi amenyesha ko guhinyanyura ibwirizwa shingiro vyategerezwa guca mu nama n’ingingo y’abanyeporitike bose kuko iryo bwirizwa ryahinyanyuwe ryavuye mu vyumvikanyweko n’imigwi yose mu biganiro vy’i Arusha.

Kubwa Tatien SIBOMANA asaba umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI gukoresha ububasha kugira amategeko ashobore gukwirikizwa murico gikorwa.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.