IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abanyeshure 5 baserukira abandi muri Kaminuza y’Uburundi barengutse mu (...)

Abanyeshure 5 baserukira abandi muri Kaminuza y’Uburundi barengutse mu butungane

mercredi 19 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Abanyeshure batanu ba Kaminuza y’Uburundi bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba barengutse mu butungane muri sentare ikukira komine Mukaza i Bujumbura kuri uwu wa gatatu, muvyo bita "Chambre de Conseil" kugira ubutungane burabe namba bobandanya kuburana bapfunzwe canke bidegemvya.

Abo banyeshure batanu bari mu baserukira abandi ni Jean Bosco Bakanibona, Audace Nkunzimana, Simon Rurasuma, Elysé Dushime hamwe na Dieudonné Bigirindavyi. Bose bagirizwa ko bateguye imigumuko muri Kaminuza y’Uburundi.

Abo banyeshure bari mu baserukira abandi barungikiye umukuru w’igihugu bamumenyesha ko biteguriye guhagarika ivyigwa mu gihe ingingo yafashwe itohinduka, iyo nayo ikaba ivuga ivy’ingene agafashanyo bahora bahabwa gahindutsemwo ingurane.

Mu masaha 48 ari imbere, akaba ariho sentare izomenyesha namba abo banyeshure bapfunzwe boburana bidegemvya canke bapfunzwe.


IGIHE

Messages

  • Izo mponyorabitabu nizireke guhohotera abo ba poilssims!!! Kuberiki agafadhanyo kabo gahabwa imbonerakure, interahamwe na FDLR!!!

  • Nibabanyare barigize ibinani

  • Abobanyeshure bafuzwe kubwitwaro mbi,kuko abaserukira abanyeshure bakora icobatumwe nabanyeshure bose atanumwe avuyemwo, cakabiri, ivyo vyerekana yuko muburundi bwacu ubwigenge bwogushikiriza ikirikumutima, atabiriho naya demokarasi ya hora yirirwa, iraribwa nabategetsi bahano nivyo kumunwa gusa muribo ntavyarimuribo.

  • Mubahane mubumvishe ko mugusaba ico umuntu yipfuza bitandukanye no gutyoza inzego zitorewe n,abanyagihugu!!!! Democracy yes but don,t go beyond your limits ( every excess is bad) education involves discipline, flexibility, humbleness

  • @Mediator You are crazy man! Who told you Burundi has institutions? Which elections are you talking about? The ones that were rigged! I see that you’ve never been to school! So you better use a language you really understand, not a fake english! Where did you learn it?

  • Wakera urapfuma unsaba ndakwigishe cours du soir d,anglais parce que votre langue anglaise est tres malade est faible . Ntuzongere kwandika NGO( to school ) bivugwa mukwerekana direction uriko ujamwo . warikuvuga uti( at school) ikikubabaza naco nukwo ntashigikira uwo muco wawe nokwita( segregation based on ethnicity background) ivyo ntaco bizogushikanako. Nka Jew CNDD-FDD ikija kubutegetsi sinigeze nezegwa ariko aho mboneye nyakwubahwa president atavangura akarorero nka badatawacu bahora mu gisirikare ca kera ingene yabagize aba general, abahora mubuzi nubu bari mubuzi Jew mbona atacotuma ndamutuka! ! Ntitayeho ko noba ntanasangiy ubwoko nawe uretseko Imana yaremye umuntu umwe nta moko abaho nosaba ndetse umuntu wese akiboshwe n,amoko kuja k,umusalaba niho twese twakiriy!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.