IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abanyeshuri batatu ba kaminuza y’Uburundi bahora mu Mpimba barekuwe

Abanyeshuri batatu ba kaminuza y’Uburundi bahora mu Mpimba barekuwe

mercredi 13 Nyakanga 2017

Abo barekuwe na parike ya komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura ,ni Simon Marie Rurasuma, Dieudonné Bigirindavyi na Elysé Dushime, parake ya komine Mukaza yabarekuye kuwa gatanu igenekerezo rya 8 Nyakanga 2017.

Abo banyeshuri bari bahagaritswe bagirizwa kuba barashize umukono ku rwandiko rwiyamiriza itegeko ry’umukuru w’igihugu ritunganya ugushasha itangwa ry’agafashanyo ku banyeshuri biga muri kaminuza.

Naho batatu barekuwe ivy’agateganyo, abandi batatu aribo Jean Bosco Bakanibona, Egide Nimenya na Audace Nkunzimana bari bapfunganywe parake yafashe ingingo yo kubagumiza mw’ibohero.

Umushingwamanza aburanira abo banyeshuri amenyesha ko ari umunezero kuba batatu mubo aburanira bararekuwe, ariko akababazwa no kuba hari abandi bagumijwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Uwo aburanira abo banyeshuri amenyesha ko agiye gutangura igikorwa nyezina co kuburanira abasigaye bapfunzwe.

Abo banyeshuri bari bahagaritswe mu kwezi kwa gatatu n’ukwa kane inyuma yo gushira umukono ku rwandiko riyamiriza indinganizo nshasha y’ingene agafashanyo gahabwa abanyeshuri kagiye gutangwa.

Bagihagarikwa ubuyobozi bwa kaminuza y’Uburundi bwari bwabagirije ko bariko bategura imigumuko, kandi ko ikizokurikira urwo rwandiko kizobazwa bonyene.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.