Abapfungwa 20 bakomerekeye mw’ibohero rya Rumonge

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 4 août 2017 saa 05:27
Yasomwe : 10071
0 0

Abanyororo 20 hamwe n’umuporisi umwe nibo bakomeretse mu mishamirano yabaye kuri uwu wa kane mw’ibohero rikuru rya Rumonge, aho bita ku Murembwe.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abanyororo babiri bakomerekejwe n’amasasu yarashwe hejuru n’abaporisi kugira abanyororo ntibatoroke, abandi nabo bakaba bakomerekanijwe n’ibibando bariko barakoresha mu kurwana.

Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi amenyesha ko iyo mishamirano yabaye hagati y’abanyororo barwanye n’abajejwe umutekano mw’ibohero, hamwe n’abajejwe kubakinjikira ibifungurwa. Abo banyororo bagirije abajejwe kubakinjikira ko aribo babaha imfungurwa nke kuzo baba bandikiwe.

Mu giporisi bavuga ko abanyororo 19 bari imbere y’abandi muri iyo mishamirano bafashwe muri iyo mishamirano bafashwe, bakaba kuri uwu wa gatanu bungururijwe mu yandi mabohero.

Abajejewe umutekano nabo bakaba bongerejwe muri iryo bohero.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha