Abarundi bazindukiye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 17 May 2018 saa 08:07
63375
0 0

Kuva isaha icumi na zibiri z’igitondo kur’uno wa kane igenekerezo rya 17 Rusama 2018 abarundi bazindukiye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. Mu gisagara ca Bujumbura, abantu batari bake bazindutse gutora, bakaba bamenyesheje ko bazindutse kugira baje mu mirimo ituma bibeshaho, bahejeje gutora.

Kuva isaha icumi n’imwe n’igice z’igitondo, uruja n’uruza mu mabarabara rwari rutanguye kwumvikana, ahanini bakaba bari abanyagihugu bari bazindukiye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.

Mu bibanza batoreramwo, abenshi bagize ikibazo co gusanga batonze aho badatorera, kuko hari ibibanza vyo gutoreramwo birenga 10, aho naho nko kw’ishuri ryo muri zone ya Kamenge aho bita Ku Bafaransa, abenshi bisanga batonze aho batategerezwa gutonda.

Bamwe mubo twavuganye, bamenyesheje ko bari bazi ko baza gutorera aho biyandikishirije, ariko bahashitse baca basanga siho batorera, ari naco gituma bazimiye.

Ayo matora yatanguye igihe c’isaha icumi na zibiri z’igitondo, arangira isaha icumi z’umuhingamo nk’uko biri mw’itangazo ry’umurwi utegura amatora ku rwego rw’igihugu CENI.

Amakuru dukesha urubuga rwa Twitter rw’ikinyamakuru Iwacu, amenyesha ko, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA isaha icumi na zibiri n’iminota 45 yari ahejeje gutora.


Kumenyekanisha

1
jamarijoshua 18-05-2018 à 09:23

nivyizagutorahakirikare ukigirakumurimowawe

2
Niyonkuru Eric 17-05-2018 à 23:01

Ndi Niyonkuru Eric Ibusipa Kavumu Nashigikiye Mutama Kuri Ego Niyirambire Nipfupfu

3
nkurunziza prosper 17-05-2018 à 21:57

imana niyo ibizi gusa uwo yapfuye arambabaje!!!!!!!!!

4
jew.osuad 17-05-2018 à 14:44

Andika hano ntankeka twamaze kudyemez nibaharur tudyigin nicogisigay.

5
Iteriteka.rene 17-05-2018 à 13:23

Kuba .umukuru.wigihugu.yarahejeje.gutora .06"45 .yagomvye.kwerekana .ko arinkenegwa .umurundi .wese yerekanahaha.ze

6
Niyukuri Vianney 17-05-2018 à 13:07

Jewe Ndazi Ko Ego Ritsinda

7
BOSCO 17-05-2018 à 13:05

NIKORI YATOYE EGO

8
ally 17-05-2018 à 12:58

ndabona noneho abitabiriye amatora ari benshi da

9
Sinzinkayo Philbert 17-05-2018 à 08:48

Ndabiziko Mutamayatoye Ego

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha