IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abashingwamanza bane bafatiwe ibihano na Sentare ntahinyuzwa

Abashingwamanza bane bafatiwe ibihano na Sentare ntahinyuzwa

lundi 16 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Abashingwamanza bane bafatiwe ibihano na Sentare ntahinyuzwa, batatu muri bakaba bafuswe burundu mu rwego rw’abashingwamanza bo mu Burundi. Abo bafatiwe igihano c’ugufutwa ni abashingwamanza Armel NIYONGERE, Vital NSHIMIRIMANA hamwe na Dieudonné BASHIRAHISHIZE.

Umushingwamanza Lambert NIGARURA nawe yafatiwe igihano c’uguhagarikwa muri urwo rwego mu kiringo c’umwaka umwe, hamwe n’ukutaja mu rwego mpanuzwajambo muri sentare isubiramwo imanza mu gisagara ca Bujumbura, mu kiringo c’imyaka itanu.

JPEG - 254.5 ko
Agnes BANGIRICENGE, umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa

Abo bashingwamanza bafatiwe ivyo bihano bamenyesha ko iyo ngingo yafashwe hatubahirijwe amategeko, kuko sentare yanse kwakira abashingwamanza bari baserukiye abo bafatiwe ibihano bakurikiranwa n’ubutungane. Nta vyemezo sentare yari ifise ku vyagirizwa abo bafatiwe ibihano, nk’uko vyemezwa nabo nyene, bakavuga ko ari ugushaka guhoza abo bashingwamanza babandanya gushira ahabona ubwicanyi hamwe n’ayandi mabi ariko akorerwa mu Burundi.

Abo bafatiwe ibihano bose bari mu buhungiro, bakagirizwa ko bafise uruhara muvyo ubutungane bwita imigumuko yabaye mu mwaka w’2015 mu Burundi.

Abo bashingwamanza bashikiriza ko iyo ngingo yerekanye ko ubutungane bw’Uburundi butigenga, bakavuga ariko ko bagiye kubandanya ibikorwa biyemeje vy’uguserukira Abarundi babuze ababo mu bwicanyi hamwe n’ubugizi bwa nabi bubera mu Burundi.

Abashingwamanza bafatiwe ibihano

JPEG - 99.2 ko
Armel NIYONGERE
JPEG - 55.4 ko
Dieudonné BASHIRAHISHIZE
PNG - 444.8 ko
Vital NSHIMIRIMANA
JPEG - 58.8 ko
Lambert NIGARURA

IGIHE

Messages

  • Jewe namye vugayuko haniwacu kubutungane butigenga!,bwaramaze gutakaza akaranga kubushingantahe,kuko ivyo bukora vyose butegekwa na reta yikigihe yiganziwe nabagizumwuga ubwicanyi!, nimwibuke abacamanza banse kwifatanya nabo mububisha buriko burakorwa na reta, unomusi barahunze ntabakivurwa hano mu Burundi. Mutahure abariho unomusi nabemeye kugira kumategeko ya Nkurunziza, uwokwihenda agakora ibitandukanye nivyo yamubwiye niwo musi yarara asezeye iyisi turiko. Abobashingwamanza nabo ntibahirahire ngo bahagarike umwuga biyemeje wokuburanira impahazwa, ntavura idahita, abobavuga ayamuhe mugukoresha igikenye, aho bariharabandi nukwibukwa ntibacibukwa!, nibibuke iyuruzi ruriko ruratembe ntamusi numwe rwigera rusubira iyorwavuye, niko nabobicanyi bazotemba ubutakigaruka. Natwabarundi bumutima ntiducikintege ngo nuko abobabisha bakozivyo!, burya ikibi,iyokije gitegura akazozaaaa, atikuki ? iyabanyakibi bategura ikibi, intungane nazo zibandanya gutegura ivyiza bizohoza amarira yi pfuvyi nabapfakazi.Rero abarara kwijoro murondera kugene uburundi bwova muraka kaga burimwo, mukomere kwibanga, kwibanga, Thanks.

  • iyo sentare iratukishije kaminuza zareze abo bacamanza bafashe ingingo yo gutotoza abashingwamanza! Erega Nta Ntwaro Rusangi Itinya Abashingwamanza Ahandi Ho Twoba Twasubiye Mu Ntwaro Za Gisirikare Zo Muri 1972 Aho Abantu Bitwa Abamenja Bataburanye.Ubu Ngo Ni Bamujeri.Emwe Hahinduka Abantu Intwaro Ntihinduka! Imana Izokwama Izigama Uburundi N’ Abarundi Twihangane.

  • iyo sentare iratukishije kaminuza zareze abo bacamanza bafashe ingingo yo gutoteza abashingwamanza! Erega Nta Ntwaro Rusangi Itinya Abashingwamanza Ahandi Ho Twoba Twasubiye Mu Ntwaro Za Gisirikare Zo Muri 1972 Aho Abantu Bitwa Abamenja Bataburanye.Ubu Ngo Ni Bamujeri.Emwe Hahinduka Abantu Intwaro Ntihinduka! Imana Izokwama Izigama Uburundi N’ Abarundi Twihangane.

  • Murabona ko arizamujeri gusa,niyompanvu nico gituma bashaka guhirika ubutegetsi buriho nabatutsi babajerere aba sans echecs.

  • Armel Umwrcany Arabisa

  • Nta mutaru bazo dusimbana bakinda bicaye canke bagaramye.bazohera nkifu y’imijira,kandi bamenye neza ko amase yakera atagihoma urutaro,zobagosora bose abo bahemu,mpaka hasigaye abantu bazima.

  • AHUBWO LETA NITANGE UMUTAHE WC KUBAFATIRA IXO BAHUNGIYE ;UBUGIZI BWANABI BURI MUBURUNDI NIBO BABUTERER’AGACUMU KUBUMWE

  • Abo Bagabo Barariye Abarundi Atakinya !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.