IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abasirikare bagirizwa igitero kw’ikambi ya Mukoni basavye ko ababatwara (...)

Abasirikare bagirizwa igitero kw’ikambi ya Mukoni basavye ko ababatwara botumwako mu butungane

mercredi 7 Ruheshi 2017

Uko ari indwi, umucamanza yabagirije bose kuba baragiye mu nama zo gutegura igitero zabereye mu ntara ya Gitega n’igisagara ca Bujumbura, ariko bose barabihakana bavuga ko ico gihe bari aho bari basanzwe bakorera akazi ka minsi yose.

Abagirizwa bavuze ko ata kintu na kimwe bashobora gukora kandi batashobora gusohoka amakambi bakoreramwo badahawe amategeko canke ngo babe bafise uruhusha bahawe n’ababakurira mu kazi.

Bitegekanijwe ko bazosubira kwumvirizwa kw’igenekerezo rya 19 Ruheshi 2017, ariko basavye ko kuri uwo munsi n’abatwara amakambi bakoreramwo ariho boba bari, kugira bababere ivyabona.

Igitero kw’ikambi yo ku Mukoni cabaye kw’igenekerezo rya 24 Nzero 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.