IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abasirikare bagirizwa igitero cakozwe kw’ikambi ya Mukoni basabiwe gupfungwa (...)

Abasirikare bagirizwa igitero cakozwe kw’ikambi ya Mukoni basabiwe gupfungwa imyaka 25

mardi 20 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Abo basirikare bose barahakana icaha bagirizwa, bakavuga ko ico gitero cakozwe umwe wese muribo ari aho asanzwe akorera. Abo bagirizwa ico caha bari basavye mbere ko ababatwara mu makambi bakoreramwo borengutswa kugira bababere ivyabona.

Umwe mu ndongozi z’abo basirikare, Major Dieudonné NDAYISABA yari yarengukishijwe muri urwo rubanza, akaba yabwiye abacamanza ko umusirikare Lieutenant Moïse NIMUBONA yari ku kazi kiwe ka minsi yose, umunsi ico gitero kiba.

Sentare yagiriza abo basirikare bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Muyinga ko bagize uruhara mw’itegurwa ry’ico gitero. Ubutungane bubagiriza bose kuba baragiye mu nama zo gutegura ico gitero, izo nama nazo Sentare ikavuga ko zabereye mu ntara ya Gitega hamwe n’igisagara ca Bujumbura. Abagirizwa bavuze ko ata kintu na kimwe bashobora gukora kitazwi n’ababatwara, kandi ko batashobora gusohoka amakambi bakoreramwo badahawe amategeko canke ngo babe bafise uruhusha bahawe n’ababakurira mu kazi.

Ingingo yafashwe kuri ico gihano casabiwe abo basirikare izomenyekana mu kwezi kumwe, ni ukuvuga kw’igenekerezo rya 19 Mukakaro 2017.

Igitero kw’ikambi yo ku Mukoni mu ntara ya Muyinga cabaye kw’igenekerezo rya 24 Nzero 2017.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.