Abayoboke 4 b’umushingamateka Agathon RWASA bungurijwe mw’ibohero rikuru rya Bubanza

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 5 janvier 2018 saa 02:48
11940
0 0

Ababoboye 4 b’umushingamateka Agathon RWASA akaba n’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka bungurijwe mw’ibohero rikuru rya Bubanza. Uko ari bane, bagirizwa kuba badashigikiye ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro.

Abo bungururijwe mw’ibohero rikuru ry’intara ya Bubanza bari bahagaritswe kuwa gatanu , igenekerezo rya 30 Kigarama 2017, i Gihanga, mu ntara ya Bubanza, bagirizwa kwigisha kutemeza ibwirizwa nshingiro rishasha ryahinyanyuwe.

Amakuru ava aho mu ntara ya Bubanza, amenyesha ko bagihagarikwa ku munsi wa gatanu bari batanu, ariko umwe muri abo azwi kw’izina rya Claude akaba yahavuye arekurwa, mu gihe abandi baciye binjizwa ibohero rikuru rya Bubanza.

Mwomenya ko hari abandi bayoboke 5 b’umushingamateka Rwasa Agathon bahagaritswe kuwa gatandatu igenekerezo rya 30 Kigarama 2017 bagirizwa kudashigikira ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro,bagipfungiwe mu gasho ka Zone Muzinda,komine Rugazi,intara ya Bubanza.


Kumenyekanisha

1
TUYISHEMEZE JEAN 8-01-2018 à 14:20

ariko politique yo muburundi ndetse no muri afrika iratwengeje non umuntu barashobora kumuhora ngo nuko atumva kumw ikintu nuwundi ?ahoho nibafute amadini.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha