IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > "Akari ku mutima ni mwebwe mukazi"

"Akari ku mutima ni mwebwe mukazi"

jeudi 3 Rusama 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu birori vyabaye kuri uwu wa gatatu, vy’ugutanguza imyiyamamazo y’amatora y’ibwirizwa shingiro mu mugambwe CNDD FDD, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye Abarundi kuzokwumviriza bose.

"Duhamagariye abenegihugu abasavye kwigisha uko mwotora, muzobitabire, mufise umwanya mubitabire, mwumvirize ivyo bababwira, abazobabwira gutora Ego murabumviriza, abazobwira gutora OYA nabo nyene nibaboneka muzobumvirize, ariko akari ku mutima ni mwebwe mukazi."

JPEG - 130.1 ko
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Mw’ijambo yashikirije abari bitavye ivyo biro, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasubiriye kugabisha uwo wese yorondera guhungabanya ayo matora.

Mw’ijambo yashikirije yagize ari : "Jewe mpagaze ngaha ngomba gutangariza abarundi bose, yaba umurundi canke umunyamahanga yogerageza kwitambika imbere y’aya matora, azohura n’Imana mushobora vyose, Imana yo mw’ijuru niyo cabona."

Imyiyamamazo y’amatora y’ibwirizwa shingiro yatanguye kuri uwu wa gatatu izohera kw’igenekerezo rya 14 Rusama 2018. Amatora y’ibwirizwa shingiro rishasha nayo ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • 17 Rusama itariki y’intangiriro yo kwangaza no gukora Genocide mu Burundi,Nzopfabarushe yaravyivugiye ko Tanganyika yiteguye kwakira abobose bazohitanwa nizo ntureka

  • Abarundi benshi buca dusidukana n’iyonka gutora "Oya" kandi ntaco tuzoba kuko bamaze kuvuga ko bazoduhereza muri Tanganyika nta cizero tukibafiseko. Iryo terabwoba naryo ngo ni "Imana" ntaworitinya kuko Imana irakiza ntiyica.

  • Hinduringendo kukoko imyaka yabokoni yaraheze bamureka kuvanga ibidahuye nzopfabarushe birya nivyiwe

  • Vyukuri Wavuze Neza Tuzobunviriza Hama Dutore Akari Kumutima Kuko Abarundi Turamaze Kumenya Gutandukanya Icatsi Nururo

  • Andika hano Ego IMANA ihezagire abarundi bose iduhe kugira ubwenge twemeze ikiri kumutima

  • Andika hano.Komera,mutamawanje.Iyaguhaye niguhangaze.Wadukuy mubukoroni udushikana muri,demokarasi nziza.Twese ni.EGO.mugabo uwavuz kurukundo ruborera nsanz namahoro aborera jew rwasa arambabaj.Kand simbona iyazoruhukira.

  • Twe tuzotora Oya. Igihugu gitegerezwa kwubahwa.

  • Naje Ndoterera Akajambo Jewe Nzotora Akari Kumutima Kuko Nijewe Nfise Uburenga Nzira Bwo Gutora Iconsaka

  • Nukuri Abobantu Baguma Basimbirahejuru Bavuga Mutamawacu Nabi Rwibwirizwa Nsingiro Ngoryarahonyanzwe Nibatureke Twebwe Abanyagihugu Tojotora Akarikumutima Turaji Iyotwavuye Basaka Dusubire Muricagikoroni Arikontibijokunda Dufise Umugabo Wabagabo Twahawe Nimana Nayonishishikare Kumujigama Kandi Ndamenyensa Abobasaka Gutoba Amatora Nukuri Ntacobazosikako Ndahamagarira Abantubose Mugusidukana Niyonka Mugutora Ego Murakoze

  • Ndasimiye Mutamawacu Kwijambo Yasikirije Ko Umuntuwese Ajojakutwigisa Tuzomwumvirize Yaba Uwigisha Ego Canke Oya Tuzomwumvirije Ariko Twebwe Abanyagihugu Tuzotora Akarikumutima Ahubwo Imisi Yatevye Ngotwitorere Akarikumutima Imana Irihejuru Yavyose Murakoze

  • Nagire Nibarije Umukuru Wurunani Rwamizero Yabarundi Agatorwasa Ukuntuyoguma Yikura Murireta Yitorewe Natwebwe Abanyagihugu Ngontayemera Mumatora Ya 2015 Kuyariyarose Ikibanza Ciza Ubunaho Akaba Yemeza Ibwirizwa Nsingiro Ngo Ryarahonyanzwe Ngoryahinyanyuwe Hatakurikije Amategeko Nikuberiki Aguma Avuga Ivyiyumviro Nkivo Bidahwanye Nivyabanyagihugu Nature Urubanza Nitwebwe Abanyagihugu Tuzoruca Nareke Kwicira Urubanza Atabaye Umucamanza Umucamanza Wivyo Nitwebwe Abanyagihugu Murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.