Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urukundo > Amajambo ateye amakenga ku barondera gukundana
Amajambo ateye amakenga ku barondera gukundana
mercredi 18 Ndamukiza 2018, par
Ngaya amajambo 5 uyumvise k’uwo wariko urondera ko mukundana ata cizere atanga.
1. "Uwo twahora dukundana sindamwibagira"
Iryo ni ijambo rikomeye cane. Wokwibaza igituma muri kumwe ariko akubwira ko ataribagira uwo bahoze bakundana. Kenshi aba abivuze kugira akwereke ko wewe ata rukundo agufitiye, ko utamuryohera nk’uko uwo bahebanye yamuryohera. Ashobora kubivuga koko agikunda uwo bahebanye canke kugira akwikure, agukure ku nzira.
2. "Ndafise umugenzi wanje nshaka kukwereka"
Eka nta cizere wogira, kuko iyo yaba yagukunze ntiyokwihutira ku kwereka umugenzi wiwe kandi atagira amubwire ko mukundanye. Ayo ni amayeri yo kukwereka ko mudakwiranye ko ukwiranye n’umugenzi wiwe. Vyogutera n’amakenga kuko ntiyohitamwo kukwereka umugenzi wiwe utarakwemerera ko agukunda. Aho rero wohagabira.
3. "Urya mugenzi wawe arandyohera pe!"
Iryo ni irindi jambo riteye amakenga kandi risobanura ko wewe utamuryohera nka mugenzawe. Birakunda gushika ugasanga uwo ukunda iyo muriko murayaga aguma avuga ubutore bw’umugenzi wawe, harya aba agukebuye, yishakira urya mugenzi wawe. Mu kuyica umurya agusaba inomero za ngendanwa yiwe.

4. "Aguhanura kwemera uwundi ariko akurondera"
Uwo uriko uronderako urukundo aguhanuye kwemera uwundi akurondera abariko akwerekako utagushaka. Muri ico gihe, wokwumva n’ingoga ko ariko arakwikura.
5. "Iyo ndabimenya nari gukunda wewe"
Hari igihe wokwibazako akubwiye iri jambo kubere yagukunze, haba namba kuko hari akantu ko kugukindaga no kukwiyemerako. Ariko naho biri uko, hariho ibintu aba yakubonyeko vyiza atakuzigako.
IGIHE
Messages
19 Ndamukiza 2018, 23:04, par Ngendakumana theoneste
Iyongingo yagatanu sindayitahuy neza nibazeko abakubwiy ko afis uwakunz kutota umwany waw hama urukundo Niko rumez nikwihangana mugih uwo waruzigakowokunda usanz yikundir uwundi