IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urukundo > Amerika:Umutama w’imyaka 84 yakubiswe ashaka kuryamana n’umwana (...)

Amerika:Umutama w’imyaka 84 yakubiswe ashaka kuryamana n’umwana w’umwigeme

mercredi 1er Mukakaro 2015

Muri Reta Zunze Ubumwe Z’Amerika mu gisagara ca New York, umutama w’imyaka 84, Paul Aronson yarafise umugenzi w’umukobwa afise imyaka 17 yitwa Shaina Foster ,aherutse kumukubita aramwandagaza amutwara n’amafaranga yiwe.

Nk’uko tubikesha www.thehuffingtonpost.com , ibi vyabaye mu ndwi iheze aho uwo mutama yabwira aka kigeme ko baryamana ,ivyo vyabereye ahantu hakunzwe kuvugwa ko hari abatama bafise amafaranga yo guhendahendesha utwana duto, bahatazira " SUGAR DADDY SITE”.

Ico gihe rero, ako gakobwa Shaina ,ku ncuro ya kabiri kaja guhura n’uwo mutama, kari kajanye n’uwo bavukana yitwa Shalaine, hanyuma banka kuja mu nzu y’uburiro izimvye yashaka kubajanamwo. Nibwo rero uwo mutaza yabajanye muhira iwiwe ngo basangire.

The New York Daily News yanditse ko uwo mwana yayibwiye ko uwo mutama yamusavye gukora ivyo atari yiteguriye gukora.kandi akaba ashaje kandi ari mubi.
Uwo mukobwa yavuze ko yaciye amukubita afata amafaranga yiwe arayatwara . Akavuga ko yatangajwe n’uko igipolisi kimuhamagara ngo yakubise uwashatse kumufata ku nguvu .

igipolisi cavuze ko aba bana ukwo ari babiri bakubise uwo mutama bamwiba n’amadolari 420, mbere bamutwara n’ikarata yo kubikura muri bank. Ubutungane rero buvuga ko abo bana bahanwa n’itegeko rihana abasuma, mbere no guhohotera ikiremwa muntu


Bill Nkurunziza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.