IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urukundo > Amajambo ateye amakenga ku barondera gukundana

Amajambo ateye amakenga ku barondera gukundana

lundi 10 Ruhuhuma 2014

Abantu benshi birabagora kumenya namba uwu umukunda nawe agukunda canke uko umwiyumvira ko nawe ariko akwiyumvira. Kenshi na kenshi hariho amajambo yumvikana ko hagati y’abashaka gukundana harimwo uwutabishatse.

Ngaya amajambo 5 uyumvise k’uwo wariko urondera ko mukundana atacizere atanga.

1) "Uwo twahora dukundana sindamwibagira"

Iryo ni ijambo rikomeye cane. Wokwibaza igituma muri kumwe ariko akubwira ko ataribagira uwo bahoze bakundana. Kenshi aba abivuze kugira akwereke ko wewe ata rukundo agufitiye, ko utamuryohera nk’uko uwo bahebanye yamuryohera. Ashobora kubivuga koko agikunda uwo bahebanye canke kugira akwikure, agukure ku nzira.

2) "Ndafise umugenzi wanje nshaka kukwereka"

Eka nta cizere wogira, kuko iyo yaba yagukunze ntiyokwihutira ku kwereka umugenzi wiwe kandi atagira amubwire ko mukundanye. Ayo ni amayeri yo kukwereka ko mudakwiranye ko ukwiranye n’umugenzi wiwe. Vyogutera n’amakenga kuko ntiyohitamwo kukwereka umugenzi wiwe utarakwemerera ko agukunda. Aho rero wohagabira.

3) "Urya mugenzi wawe arandyohera pe!"

Iryo ni irindi jambo riteye amakenga kandi risobanura ko wewe utamuryohera nka mugenzawe. Birakunda gushika ugasanga uwo ukunda iyo muriko murayaga aguma avuga ubutore bw’umugenzi wawe, harya aba agukebuye, yishakira urya mugenzi wawe. Mu kuyica umurya agusaba inomero za ngendanwa yiwe.

4) "Aguhanura kwemera uwundi ariko akurondera"

Uwo uriko uronderako urukundo aguhanuye kwemera uwundi akurondera abariko akwerekako utagushaka. Muri ico gihe, wokwumva n’ingoga ko ariko arakwikura.

5) "Iyo ndabimenya nari gukunda wewe"

Hari igihe wokwibazako akubwiye iri jambo kubere yagukunze, haba na mba kuko hari akantu ko kugukindaga no kukwiyemerako. Ariko naho biri uko, hariho ibintu aba yakubonyeko vyiza atakuzigako.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.