Ngozi : Thomas na Annociatte berekanye ko urukundo nyarwo ruzira amaso n’amatwi

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 12 août 2017 saa 01:20
Yasomwe : 25272
0 0

Umusore Munezero Thomas yaraye yanditswe imbere y’amategeko n’umwigeme Annociatte Munezero ko bagiye kibana ubuzima bwabo bwose. Ubugeni bwavuzweko cane ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 11 Myandagaro 2017. Aba n’abandi bavuga ko berekanye urukundo nyakuri rutagira amaso n’amatwi, urukundo nyakuri rutobuza umukene gukunda umutunzi.

Inkuru iriko ivugwa cane mu gisagara ca Ngozi, ni ubugeni bw’umusore Munezero Thomas n’umwigeme Annociatte Munezero. Icatangaje cane muri urwo rugo rushasha, n’uko umwigeme Annociatte asanzwe ari mugufi cane.

Aho mu kibano hari abashaka gukumira abantu bafise ubugufi burenze (igitandara canke igikuri), bigashika naho babifata nk’ubumuga, hari n’abandi babona ko mwene abo bantu bameze nk’abandi.

Muri abo, harimwo umusore Munezero Thomas w’i Ngozi, yaraye yerekanye ko urukundo nyarwo rutagira amaso, rutagira amatwi, ahubwo ari ugukurikiza intumbero y’umutima. Ivyo yavyerekanye mu kwandikisha ubugeni bwiwe na Annociatte imbere y’abaserukira Reta imbere n’amategeko agenga ingo n’imiryango.

Ntibigarukira aho, kuko kuri uwu w’agatandatu igenekerezo rya 12 Myandagaro 2017, ariho Thomas na Annociatte baza gusezerana mw’ishengero. Mu masaha makeyi, imisa yo kubahezagira ibera muri Chapelle Don Bosco i Ngozi, n’imihezagiro y’imiryango hamwe n’abagenzi babo bibera muri ico kibanza nyene.

Tubamenyeshe ko Annociatte Munezero asanzwe ari umumenyeshamakuru ku nsamirizi Umuco Fm, mu gisata c’amakuru n’ibiganiro. Ikindi n’uko Annociatte, ahejeje Kaminuza y’i Ngozi mu gisata c’indome n’ivyigwa vy’imibereho y’abantu " Lettres et Sciences Humaines".

Munezero Thomas nawe asanzwe aba i Ngozi nyene, nawe yahejeje amashuri mu bijanye n’ukwubaka akaba ari navyo asanzwe akora. Ikinyamakuru IGIHE kibipfurije urugo ruhire.


Kumenyekanisha

1
Nyumusi 12-08-2017 à 17:16

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha