Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urukundo > Umugabo w’ikimuga yavuye hasi gutamba ku munsi w’ubugeni bwiwe
Umugabo w’ikimuga yavuye hasi gutamba ku munsi w’ubugeni bwiwe
samedi 15 Munyonyo 2014
Uyu mugabo yagiriye ibitangaza umugore wiwe ku munsi w’ubugeni. Joey Johnson yari ikimuga kuva kera kigendera ku gakinga. Ku munsi w’ubugeni yarerekanye ibitangaza.

Hegereje umunsi w’urubanza, Joey Johnson yasavye abagenzi biwe ko borondera ukuntu bamuhagarika kugira azoshobore gutambana n’umugore wiwe bahagaze. Ibitangaza vyabaye ku munsi w’ubugeni vyatumye umugore wiwe asa n’uwutaye ubwenge kuko ntiyari yiteze kubona Joey Johnson avuye hasi bagatambana atakimufashe. Si umugore wiwe gusa n’abaraho bose barumiwe.
Joey Johnson yaramaze imyaka n’imyaka ari ikimuga, ubumuga yatewe n’isanganya y’imoto, none nguyo inyuma y’amezi ane amenyanye na Michelle arashoboye kuva hasi gutamba.
Raba aha munsi uko vyagenze ku munsi w’ubugeni bwa Michelle na Joey Johnson

Cherif Nkeshimana
Messages
15 Munyonyo 2014, 18:56, par Israel Japhet
Ariko kuva aho avunikiye ntanumunsi yigeze ahagarara canke yabaye bwihoze guhaguruka abibikira umunsi wubugeni bwiwe?
16 Munyonyo 2014, 01:33, par So
Ariko yomwabitomoraneza Ko bakoze imisipi bakayinyuranganya mumaguru ikaduga inyuranganye ivamumugongo iyindi iva mugatuza ijamumugongo nonehoyose bayihuriza mwirugu, kwizosi inyuma mubikanu noneho bayambika kuyindimigozi irihejuru yambitse kubintu bishobora kuyikwege bikayiregera aho bashaka, nibintubapanze namwemuravyumvanyene.
20 Munyonyo 2014, 11:50, par dumbuli
Ndabona Johnson ari kubyinira ku mugozi nk’impene ngo yahagurutse ariko ntacyo yahagurutse
28 Munyonyo 2014, 10:43, par lucl
Eeeee umukunzi argora sha!! aho azovyumva bukeye!! igisigo camwankiye koyigumya!
1er Mukakaro 2015, 19:10, par Gérard irankunda
haaa,emwenakajegeza.mugabonivyo umukunzinikind
1er Myandagaro 2015, 21:10, par Jonas M.Butarangira Gisuru Ruyigi
Umugore nikindi pee!!!..
12 Nyakanga 2015, 22:14, par CYRQ
Yampaye inka we!! asha ariko ivyuba biragoye kwel!! ahubwo jeho nibaza yuko yatije amaguru
25 Ndamukiza 2017, 14:46, par Hervé Ngendakuriyo
Vraiment Ni Bon