IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Amasoko yagurishijwe agiye gusubizwa mu minwe y’amakomine

Amasoko yagurishijwe agiye gusubizwa mu minwe y’amakomine

samedi 4 Ruhuhuma 2017

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu Pascal BARANDAGIYE amenyesha ko ata soko nimwe ya Komine izosubira kugurishwa,mbere ko n’ayamaze kugurishwa ategerezwa gusubizwa mu minwe y’amakomine.

Mu cegeranyo yatanze amenyesha ivyaranguwe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu mu mwaka wa 2016, Pascal BARANDAGIYE yamenyesheje ko hibonekeje ubusuma mu bijanye n’amafaranga atozwa mu masoko.

Muri ico cegeranyo,Pascal BARANDAGIYE yavuze ko amafaranga atozwa nabi amwe agaherera mu mifuko y’abayatoza,amasoko nayo yagurishijwe ku biciro bito cane.

Pascal BARANDAGIYE aramutswa ubushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu amenyesha ko ku masoko yagurishijwe bazokoresha inguvu zose kugira agaruke mu minwe y’amakomine,ahoba inzitizi naho bazohindura amasezerano,kuko vyabonetse ko hari ba musitanteri biterera umukono ku masezerano.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.