IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Amatohoza arabandanya ku bishe umunyeshure wo mu kigo co ku (...)

Amatohoza arabandanya ku bishe umunyeshure wo mu kigo co ku Mutanga

jeudi 1er Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kugira ukuri kumenyekane ku bagandaguye umunyeshure Gapero Enock muri Kaminuza y’Uburundi, ikigo co ku Mutanga.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi asigura ko bitumvikana ingene abanyeshure bokwihanira bonyene uwo bari bagirije ubusuma, ahubwo akavuga ko bari kwitura inzego zibijejwe zikabatunganiriza.

Amakuru ava muri Kaminuza y’Uburundi, ikigo co ku Mutanga avuga ko umunyeshure Gapero Enock yafashwe ariko yugurura ku nguvu umuryango w’umwe mu vyumba vyo muri ico kigo, uwuhaba aca aratabaza bagenzi we. Bashitse baramukubise bamusiga ari indembe.

Ayo makuru nyene avuga ko uwo munyeshure yahora yiga mu gisata ca Psychologie yari atashe mw’ijoro, aho ivyo yagirizwa vyaba. Abaporisi bacunga umutekano wo mu kigo ca Kaminuza y’Uburundi ku Mutanga baraje gutabara, ariko basanze abamukubise bamaze kugenda, baca bamutwara kwa muganga, ku bitaro vyitiriwe umwami Khaled.

Abaganga baragerageje kumuvura, ariko kubera yari yasinzikaye, akaba yaciye yitaba Imana.

Uwo munyeshure yavuka mu ntara ya Mwaro, mu muryango wiwe bagasaba ko amatohoza yokorwa, kugira abamugandaguye bamenyekane kandi bashengezwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.