Bamwe bari mu mwiherero i Arusha, abandi mu nama mu Bubirigi

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 28 Munyonyo 2017 saa 09:33
Yasomwe : 42264
0 0

Ibiganiro bihuza Abarundi vyari gutangura kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 27 Munyonyo 2017 mu gisagara ca Arusha vyungururijwe kuri uwu wa kabiri. Mu biro vy’umuhuza bari bamenyesheje ko bakirindiriye abatumiwe batari bwashike. Abo mu runani CNARED basanzwe bari mu nama mu Bubirigi kuva kuri uwu w’Imana, hamwe n’amwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bamaze kubwira umuhuza ko batazokwitaba ivyo biganiro biriko bibera mw’ibanga ntangere, kure y’igisagara ca Arusha. Nta mumenyeshamakuru n’umwe arekuriwe kwegera mu kibanza c’ibiganiro. Igiporisi ca Tanzaniya nico cahawe igikorwa c’ugushira mu ngiro iyo ngingo.

Ibiro vy’umuhuza vyabwiye abamenyeshamakuru, yaba Abarundi, abo muri Tanzaniya, hamwe n’abari barungitswe n’ibimenyeshamakuru mpuzamakungu, ko bidakenewe ko bakurikirana ivyo biganiro, kuko bashobora kubera intambamyi abaganira. Babwiwe ko bokwegera kure, barindire itangazo bazohabwa kw’igenekerezo rya 8 Kigarama risozera ivyo biganiro.

Umuhuza amenyesha ko ibiganiro yatumyeko bidakumira, naho urunani CNARED ruhurikyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko batatumiwe. Ku butumire bw’ibiganiro, harabonekako amwe mu mazina y’abari mu runani CNARED, aho twobabwira nka Karori NDITIJE arongoye urwo runani, hamwe na Ferederiko BAMVUGINYUMVIRA, yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, akaba n’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU. Muri CNARED banegura ko ata butumire nyezina bw’urwo runani bwasohowe.

Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’urunani CNARED kuri uwu wa mbere, basaba umuhuza ko yohagarika ivyo biganiro yatumyeko, kugira atunganye ibindi bihuza bose, vyizewe, kandi vyobera mu kibanza gihumuriza bose muvy’umutekano.

Ku ruhande rw’umuhuza siko babibona, kuko bemeza ko abarabwa bose n’ikibazo ca poritike y’Uburundi batumiwe. Mw’itangazo ibiro vy’umuhuza vyasohoye kuri uwu w’Imana, bijeje ko izo ndwi zibiri z’ibiganiro zizohera hemejwe urupapuro rw’inzira rw’ugutorera umuti amati ari mu Burundi.

Reta y’Uburundi yaserukiwe na Therence NTAHIRAJA, umwunganizi akaba n’umuvugizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Umugambwe uri ku butegetsi waserukiwe n’abashingamateka batatu aribo Gelase Daniel NDABIRABE, Godeliève Nininahazwe hamwe na Zéno Ndaruvukanye.

Ingingo umunani nizo zitegekanwa kwigwa muri ivyo biganiro, zikaba zigizwe n’ibijanye n’umutekano hamwe n’ukurwanya ubugizi bwa nabi, guhagarika ukudahana ivyaha, gukomeza intwaro rusangi, ibijanye n’ishirwaho rwa Reta y’ubumwe, ingaruka indyane ziriho zagize ku butunzi bw’Uburundi, hamwe n’imigenderanire y’Uburundi n’ibihugu bibanyi.

Tubamenyeshe ko mu gihe i Arusha hariko habera ivyo biganiro, mu gisagara ca Bruxelles mu Bubirigi naho hariko habera inama y’abagize CNARED izohera kuri uwu wa gatatu. Iyo nama ni iyo gusubiriza inzego za CNARED zahejeje ikiringo cazo.


Kumenyekanisha

1
nijipis 30-11-2017 à 16:32

Vyukuri ivyobiganiro bidahera bizokwegere umuvumo ababijamwo baronderera inda zabo zabaye imanga.aho kurondera ineza yabarundi bose atagucagura ububwoko canke buriya.umuhuza naw akaba afise aho ahengamiye azobibazwa n’Imana kok yo ibona vyose. Mana nzima turagufukamiye kandi turatakamvye girira ikigongwe kanduhindure imitima yacuramye yaba nya politique bazira gutumbereza intama mwirembo bakaziragira kucobo

2
Karikurubu 28-11-2017 à 11:09

Ivyo ni vyiza nta mpamvu yo kw’itaba ibiganiro vy’i Arusha kuko vyaragaragaye yuko Mukapa ashigikiye CNDD- FDD,mugabo ntazoteba gutahura ko ashigikiye abanyonyezi n’abicanyi

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha