IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Bamwe mu banyeporitike bafise amakenga ku gikorwa co kwiyamamariza (...)

Bamwe mu banyeporitike bafise amakenga ku gikorwa co kwiyamamariza ibwirizwa nshingiro

lundi 23 avril 2018

Iyo migambwe yose yiyandikishije mu murwi w’igihugu wigenga utegura amatora CENI kugira izokwiyamamaze kuva kw’igenekerezo rya 1 Rusama 2018, nk’uko vyashikirijwe n’umurwi utegura amatora CENI.

Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, rwaserukiwe mu murwi CENI n’umushingamateka Agathon RWASA arurongoye, akaba n’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, nirwo rwonyene mu ruhande rw’abitwa abigenga rwemerewe kuzokwiyamamariza amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.

’’Ibimenyetso vy’ibanze ni bibi.’’

Mu Runani rw’Abigenga Amizero y’abarundi bemeza ko bazokwitaba imyiyamamazo n’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, kuko ari uburenganzira bahabwa n’amategeko, ariko ko ibimenyetso vy’ibanze ari bibi kuko hari aho bamaze kuvuga ko uwuzokwigisha gutora Oya bazomukurikirana.

JPEG - 33.7 ko
Pierre Célestin NDIKUMANA, umukuru w’umurwi w’abashingamateka batowe mu Mizero y’Abarundi

Pierre Célestin NDIKUMANA arongoye umurwi w’abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi ahamagarira ariko abanywanyi b’Urunani gutsinda ubwoba, no kwitaba amatora, kandi bagatora ikiri ku mutima.

Uwo mushingamateka asaba abajejwe intwaro canke abandi bakorera mu bindi bisata bitajanye na poritike bariko baratera ubwoba abantu kuko bazotora Oya, kubihagarika bakamenya ivyo bajejwe.

’’Dusaba ko abazokwiyamamaza boronka uburenganzira bumwe’’

Mu mugambwe APD-Urunani rw’imvugakuri bavuga ko bizeye ko imyiyamazo ijanye n’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro izogenda neza, bisunze amanama bagize n’ivyo bayasezeraniyemwo.

JPEG - 33.8 ko
Gabriel BANZAWITONDE, umukuru w’umugambwe APDR

Gabriel BANZAWITONDE arongoye uwo mugambwe asaba ko mu gihe ari amatora yo kwemeza canke guhakana, abazokwitaba igikorwa co kwiyamamaza boronka uburenganzira bumwe, baba abazokwigisha gutora Ego canke abazokwigisha gutora Oya, kuko twamaze kwinjira mu nzira y’intwaro rusangi.

Tubibutse ko, mu nama umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal BARANDAGIYE, yagirishije abaserukira imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi, yasavye abajejwe intwaro kuva ku rwego rwo hasi gushika ku rwego rwo hejuru, ko batoba intambamyi ku bazoba bariko bakora igikorwa co kwiyamamaza, mu gihe bazoba babirekurirwa n’amategeko.

Amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018, nayo igikorwa co kwiyamamariza ayo matora, gitegekanijwe kuva kw’igenekerezo rya 1 Rusama 2018.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Ariko murya muribivyamatora yoguhinyanyura ibwirizwashingiro ndabona hazobonekanamwo abantu bameze nkabasokuru bacu bomugihe ca Rwagasore ahowewe nabobarikumwe muri UPRONA bavugako bakeneye ko uburundi bwikukira, ariko hakabaho abandibarundi bacabaguma bigisha ngo OYA ntidukebeye ko uburundi butera intambwe muvyokwikukira.
    Kandi burya abobaguma bigisha OYA nguburundi ntidukeneye kobwikukira muvyukuri bashaka kunezereza bakavamahanga.
    Nuyumusi mwiribwirizwashingiro ubirevye kwigisha OYA nikintu kibezereza bakavamahanga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.