IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bamwe mu banyororo bagirirwa ikigongwe ntibaronka uburyo bw’ugushika mu (...)

Bamwe mu banyororo bagirirwa ikigongwe ntibaronka uburyo bw’ugushika mu miryango yabo

samedi 10 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Iryo shirahamwe ribishikirije mu gihe bivugwa ko hari abanyororo barekurwa, ariko kubera baba bava mu ntara za kure y’aho bapfungiwe, bikabananira ingene bohashika.

Jean Marie NSHIMIRIMANA, aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe Association Solidarité avec les Prisonniers et leurs Familles "Ntabariza" avuga ko naho muri iryo shirahamwe bagerageza kurihira abo bishobotse, ico ari ikibazo kibaraje ishinga.

"Turajwe ishinga n’ukuntu abayobozi b’amabohero badafise uburyo bw’ukurihira abanyororo barekuwe kugira bashike mu miryango baje bavamwo. Twarashoboye kurihira bamwe mu banyororo kugira bashike mu ntara zabo, ariko ivyo ntibikwiye kuko twari dukwiye kubashikana ku mitumba yabo."

JPEG - 844.8 ko
Jean Marie NSHIMIRIMANA, aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe Association Solidarité avec les Prisonniers et leurs Familles "Ntabariza"

Uwo aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe "Ntabariza" avuga ko irekurwa ry’abanyororo ari ryiza, ariko ko imbere y’uko barekurwa hofatwa izindi ngingo hakaba hizwe ukuntu abo banyororo bashitse mu miryango yabo boronka utuntu tuba turabatunze.

Jean Marie NSHIMIRIMANA agira ati : "Kuko urumva umuntu amaze imyaka itanu atarimye, ashike mu kibano ni za ngorane nyene."

N’aho iyo ngingo y’ukurekura abanyororo ku kigongwe c’umukuru w’igihugu yafashwe, mw’ishirahamwe "NTABARIZA" bamenyesha ko ibitigiri vy’abari mu mabohero biguma biri hejuru, aho naho Reta ikaba ariyo ihahombera, nk’uko bivugwa n’iryo shirahamwe.

"Hari imanza nk’uwivye igitoke, imyumbati, ugasanga ari mu Mpimba agiye kumarayo imyaka ine, itanu. Reta iba iriko irahahombera ibintu vyinshi. Ku banyororo bagera ku bihumbi 11 bari mu mabohero atandukanye, barya imiriyoni 20 ku munsi. Murumva imiriyoni 20 ku gihugu dusanzwe tuvuga ko gisanganwe ingorane."

Mw’ishirahamwe "NTABARARIZA bavuga ko bagiye kuvugana na Reta, ku manza usanga zari guherera ku mugina, ariko ugasanga zamaze gushikana abantu muma Sentare. Jean Marie NSHIMIRIMANA amenyesha ko ishirahamwe arongoye rigiye kuvugana n’umushikiranganji w’ubutungane kuri ico kibazo.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.