Incamake

Bubanza : Abanyororo 178 barekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 26 Ruhuhuma 2018 saa 01:34
8340
0 0

Abapfungwa bagera kw’ijana na mirongo indwi n’umunani bo mw’ibohero rikuru rya Bubanza bari baramaze guciribwa imanza nibo barekuwe mu kigongwe c’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA.

Abo bapfungwa barekuwe kuri uwu wa kane, ukaba wari umunezero kuribo hamwe no ku miryango yabo.

Umwe mu bajejwe amabohero, ari nawe yari yagiye gushira mu ngiro iyo ngingo y’umukuru w’igihugu, yasavye abarekuwe ko bokwirinda gusubira gukora ivyaha vyotuma basubira mu munyororo, kuko ata munyororo agirirwa ikigongwe kabiri.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, mw’ijambo yashikirije yipfuriza Abarundi umwaka mushasha mwiza w’2018, yamenyesheje ko abanyororo barenga ibihumbi bibiri (2000) aribo bagiye kwidegemvya kubera ikigongwe yatanze. Yabasavye kwirinda ico cose cotuma igiti kibakora mu jisho kabiri.

Muri iryo jambo, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaravuze imice y’abanyororo barabwa n’iyo ngingo y’ikigongwe yatanze. Yagize ati : "Mu ntumbero yo gusasagaza amahoro, iteka n’itekane mu gihugu, twisunze Ingingo y’113 y’Ibwirizwa Shingiro, tugiriye Ikigongwe abakatiwe gupfungwa imyaka itarenga itanu, Abakenyezi bibungenze n’abonsa, abagendana ubumuga bugaragara, abamaze mu mvuto ica kabiri c’ikiringo bakatiwe, n’abandi; bose hisunzwe uburemere bw’ivyaha bagirizwa n’inyifato yabo mu mabohero barimwo."


Kumenyekanisha

1
Nduwimana 2-03-2018 à 03:00

Andika hanoturanezerewe Cane

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha