Bujumbura : Abanywanyi babiri b’umugambwe MSD bahagaritswe

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 24 juin 2017 saa 09:44
Yasomwe : 5211
0 0

Abanywanyi babiri b’umugambwe MSD mu gisagara ca Bujumbura barahagaritswe kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 23 Ruheshi 2017.

Abo bahagaritswe ni NDIKURIYO Jean Claude yaba muri karitiye ya kabiri mu Ngagara yahagaritswe n’uwutwara igiporisi muri iyo karitiye, hamwe na NTIRAMPEBA Elie yafatiwe muri karitiye ya Mutakura aho yari asanzwe aba.

Amakuru ava mu begereye aba bahagaritswe, amenyesha ko bose bapfungiwe mu biro bikuru vy’igendereza mu gisagara ca Bujumbura.

Mu giporisi ntiturashobora kubaronka ngo bemeze canke bahakane ifatwa rya NDIKURIYO Jean Claude na NTIRAMPEBA Elie.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha