Bujumbura : Abiyunguruza n’imodoka rusangi (bus) basaba ko ikibazo c’igitoro cokwigwa mu maguru masha

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 5 Gitugutu 2017 saa 08:48
Yasomwe : 8811
0 0

Inyuma y’iminsi itari mike hibonekeza ubukene bw’igitoro mu gisagara ca Bujumbura,abiyunguruza bakoresheje amamodoka rusangi (bus) basaba abajejwe ico gisata gukora ibishoboka vyose kugira ico gitoro kiboneke mu maguru masha.

‘’Ubukene bw’igitoro bwibonekeza cane mu masaha y’igitondo hageze kuja mu mirimo, no mu masaha y’umugoroba hageze gutaha.’’ Vyashikirijwe na HAKIZIMANA Joseph igihe yavugana n’umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru IGIHE amusanze muri zone ya Kamenge arindiriye imodoka imujana mu mirimo ya minsi yose mu gatondo ko kuri uno wa kane igenekerezo rya 5 Gitugutu 2017.

HAKIZIMANA Joseph amenyesha ko naho ibiciro vyo kwiyunguruza bitaraduga, izindi ngaruka z’ibura ry’igitoro zimaze kwibnekeza kuko, bisigaye bigoye kwubahiriza amasaha y’akazi ku bava mu bice vy’igisagara baja gukorera imirimo mu gisagara hagati.

Uwo asanzwe aba muri zone ya Kamenge iri mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura avuga ko niyo imodoka ibonetse bisaba kuba ufise inguvu kugira uronke ikibanza,k’uwudafise inguvu bigasabwa ko arindira abandi bagaheza kwinjira.

Avuga ati:’’ Iyo twarindiriye umwanya munini imodoka iraza, ariko abakiri bato nibo bashobora kuronka ibibanza bicaramwo,kuko bisabwa gukoresha inguvu nyinshi, ahandi naho bigasabwa ko umuntu aca mw’idirisha.’’

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 4 Gitugutu 2017,mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Daniel MPITABAKANA ajejwe igisata co kudandaza igitoro mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu yamenyesheje ko ubuhinga bushasha bukoreshwa mu rudandazwa mu karere ka Afrika y’Ubuseruko aribwo bwatumye igitoro giteba gushika mu Burundi.

Daniel MPITABAKANA agahumuriza abanyagihugu ko igitoro kigiye kuboneka mu minsi ya vuba,kuko hari imodoka zishika kw’ijana ziriko zirava mu gihugu ca Tanzaniya zizanye igitoro.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha